Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi kuri uyu wa gatandatu: Mount, Osimhen, Firmino, Kovacic, Modric

Yatangajwe

Arsenal iriko irakurikiranira hagufi ingene ibintu bigenda ku mukinyi wo hagati wa Chelsea Umwongereza Mason Mount w’imyaka 24 kandi ishobora kumurwanira na Liverpool mu ci riza. (Goal)

Aba ba Gunners kandi bararungitse ba maneko bo gukurikirana umunya-Espagne akina hagati Martin Zubimendi w’imyaka 24, hamwe n’Umufaransa akina inyuma Robin le Normand w’imyaka 26, bompi bakaba bakina muri Real Sociedad. (Daily Mail)

Paris St-Germain iriko irategura imiriyoni 133 z’amapawundi mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Napoli umunya-Nigeria Victor Osimhen kandi iriko iraja imbere ya Chelsea, na yo nyene irondera uno mukinyi w’imyaka 24. (Football Insider)

Umusatirizi wa Brezili Roberto Firmino w’imyaka 31 yemeye kwimukira muri Barcelona igihe amasezerano afitaniye na Liverpool azoba arangiye mu ci riza. (Daily Mail)

Mauricio Pochettino ni we aza imbere mu bashobora kuzomenyereza Chelsea inyuma y’aho Julian Nagelsmann akuriyemwo akarenge. (Guardian)

Abahanuzi b’umukinyi wo hagati wa Chelsea na Croatia Mateo Kovacic w’imyaka 28 bafashe urugendo baja i Londres kuvugana na Manchester City ku bijanye n’ingene yokwimukira muri uyu murwi mu gihe agomba yinjire mu mwaka wa nyuma w’amasezerano yiwe. (Sport Klub)

Liverpool na Tottenham zigiye kugerageza kurondera Umufaransa akina inyuma Evan Ndicka w’imyaka 23 kuri gusa mu gihe amasezerano afitaniye na Eintracht Frankfurt azoba arangiye mu ci riza. (Football Insider)

Manchester United ishobora kugurisha abakinyi bashika 12 mu ci riza, harimwo umukinyi w’inyuma umwongereza Harry Maguire w’imyaka 30, umunyegori wa Espagne David de Gea w’imyaka 32, hamwe n’umusatirizi w’Umufaransa Anthony Martial w’imyaka 27. (Mirror)

Aba ba Red Devils bariko barihweza ingene bogura umunya-Georgia Giorgi Mamardashvili w’imyaka 22 asamira Valencia, akaba ari ku giciro c’imiriyoni 45 z’amapawundi, kugira ngo asubirire De Gea. (Givemesport)

Liverpool iriteguye gutiza umusatirizi wayo w’umunya-Portugal Fabio Carvalho w’imyaka 20 mu mwaka w’inkino uza inyuma yo gukira iminota 632 yonyene muri uno mwaka. (90min)

Tottenham iriko irihweza hagati ya Luis Enrique yahoze amenyereza umurwi nserukira gihugu wa Espagne na Ruben Amorim wa Sporting Lisbon uwoshobora kuyibera umumenyereza mu mwaka w’inkino uza (Nicolo Schira)

Aston Villa, Newcastle, Liverpool na Tottenham yose yari yarungitse ba maneko mu rukino rw’igice ca kane gishira ica nyuma rwa Europa League hagati ya Sporting Lisbon na Juventus ku wa kane gukurikiranira hagufi Umufaransa akina hagati Adrien Rabiot w’imyaka 28, Umwongereza akina ku ruhande muri Sporting Marcus Edwards w’imyaka 24, hamwe n’umunya-Portugal akina hagati Pedro Goncalves w’imyaka 24 na we nyene akina muri Sporting. (90min)

Umukinyi wo hagati wa Southampton umwongereza James Ward-Prowse w’imyaka 28 yateye amero imirwi ya Newcastle na Aston Villa. (Mail)

Umukinyi w’inyuma wa Barcelona umunya-Espagne Marcos Alonso w’imyaka 32 nta nyungu abona yo kuva muri uno murwi naho Inter Milan imwipfuza. (Mundo Deportivo – mu ki-spagnol)

Umunya-Croatia akina hagati muri Real Madrid Luka Modric w’imyaka 37 yemerewe amasezerano n’umurwi wo muri Arabia Saoudite mu ci riza ashobora kumutuma aronka umusharaha usumba incuro zibiri uwo asanzwe aronka mu murwi wiwe. (AS - mu ki-spagnol)