Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Palhinha, Suarez, Luiz, Frimpong, Greenwood

Yatangajwe

Bayern Munich igiye guhangana n’imirwi nibura ibiri yo muri Premier League mu kurwanira umukinyi wo hagati wa Fulham, umunya-Portugal Joao Palhinha w’imyaka 28 mu kwa mbere. (Telegraph)

Bayern kandi ishobora kutaronka umukinyi wo hagati wa Bayer Leverkusen Umudagi Florian Wirtz w’imyaka 20, mu gihe Manchester City na Liverpool yompi iriko ica ku biti ku mabuye imurwanira. (90min)

Umusatirizi wa Gremio n’umurwi nserukiragihugu wa Uruguay, Luis Suarez w’imyaka 36, ari hafi yo gusubirana n’umugenzi bahoze bakinana muri Barcelona Lionel Messi muri Inter Miami mu masezerano y’umwaka umwe. (Miami Herald)

Uwahoze ari umumenyereza wa Wolves Julen Lopetegui yanse amasezerano yomuhaye imiriyoni 18 z’ama-euro ku mwaka w’inkino yari yemerewe n’umurwi wo muri Arabia Sawudite Al-Ittihad kuko yishakira kuguma muri Premier League, mu gihe Manchester United iri mu mirwi yoba iriko irarondera uno munya-Espagne. (AS – mu ki-espangol)

Vyosaba nibura imiriyoni 60 z’amapawundi kugira ngo Aston Villa yiyumvire ivyo kugurisha umunya-Brezili akina hagati Douglas Luiz w’imyaka 25 mu kwa mbere, mu gihe Arsenal ibandanya yerekana ko imwipfuza. (Caught Offside)

Villa yashinze igiciro c’imiriyoni 110 z’amapawundi kuri Luiz mu ntumbero yo kurondera kumara amero Arsenal, igiciro kingana n’ayaguzwe Declan Rice mu ci riheze. (Football Transfers)

Mu mpera z’indwi iheze, Arsenal na Liverpool zompi zararungitse ba maneko gukurikirana umukinyi w’inyuma wa Bayer Leverkusen Umunya-Hollande Jeremie Frimpong w’imyaka 22. (90min)

Real Sociedad ni yo ifise amahirwe menshi yo kuronka umusatirizi wa Manchester United Umwongereza Mason Greenwood w’imyaka 22 ubu asanzwe yaratijijwe mu murwi mugenzi wayo wo muri La Liga Getafe – ariko ivy’uko ashobora kuguma muri Getafe burundu biri kure nk’ukwezi kubera amafaranga amusabwako. (Todofichajes – mu ki-espagnol)

Umunya-Hollande akina hagati Donny van de Beek w’imyaka 26 wa Manchester United yisabiye Barcelona ko yomwakira, akaba afise icizere c’uko ashobora kuzibira igihengeri catewe n’imvune ya Gavi. (Sport – mu ki-espagnol)

Hagati aho, Manchester United izoba ifise akaryo ko kugura umukinyi wo ku ruhande wa Borussia Dortmund umunya-Hollande Donyell Malen w’imyaka 24, mu gihe Umwongereza Jadon Sancho w’imyaka 23 akina ku ruhande yoramuka avuye muri uyo murwi. (Football Transfers)

Wolves iripfuza umukinyi w’inyuma wa Sevilla umunya-Argentina Marcos Acuna w’imyaka 32 asanzwe ari ku giciro c’imiriyoni 12 z’ama-euro. (Todofichajes – mu ki-espagnol)

Sao Paolo (umurwi wo muri Brezili) iriteguye kwumviriza imirwi yoza irondera umukinyi w’inyuma asanzwe ariko aronderwa na Liverpool, umunya-Brezili Lucas Beraldo w’imyaka 20, mu gihe Wolves yari yamurondeye mu ci riheze ariko bikanka. (90min)

Juventus iriteguye kurekura Umwongereza akina ku ruhande Samuel Iling-Junior w’imyaka 20 mu kwa mbere, mu gihe Tottenham na Newcastle ziri mu mirwi imwipfuza. (Tuttomercatoweb – mu gitaliyano)

West Ham ubu iri imbere ya Everton, Brighton n’iyindi mirwi ya Premier League mu rugamba rwo kurondera umunya-Irlande ya Ruguru akinira Linfield n’umurwi nserukiragihugu wa Irlande ya Ruguru y’abatarenza imyaka 17, umusatirizi Aodhan Doherty. (Football Insider)