Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Benzema, Ziyech, Balogun, Busquets, Mac Allister

Yatangajwe

Uwahoze ari umumenyereza wa Leeds Jesse Marsch yafashe ingingo yo guheba akazi ko kumenyereza Leicester City n’aho bari hafi yo gushika ku masezerano ya nyuma. (Telegraph)

AC Milan yongeye ku rutonde rw’abakinyi ishobora kurondera mu ci riza umusatirizi w’Umwongereza Folarin Balogun asanzwe akina muri Reims yatijijwemwo na Arsenal, n’aho yiteze ko Arsenal ishobora gusaba imiriyoni zirenga 30 z’ama-euros kuri uno mukinyi w’imyaka 21. (Calciomercato – mu gitaliyano)

Tottenham imenyesha ko yipfuza kuzogura umunya-Maroc Hakim Ziyech w’imyaka 30 akina ku ruhande muri Chelsea mu ci riza. (Football Insider)

Manchester United ibandanya ikurikiranira hagufi umukinyi wo hagati wa Celta Vigo umunya-Espagne Gabri Veiga w’imyaka 20, imbere y’uko ifata ingingo yo gushobora kumurondera mu ci riza. (Football Insider)

Manchester United kandi yashize umunya-Equateur Moises Caicedo w’imyaka 21 hamwe n’umunya-Argentina Alexis Mac Allister w’imyaka 24, bompi bakina hagati muri Brighton, ku rutonde rw’abakinyi ishobora kurondera. (Telegraph)

Uwahoze ari umusatirizi w’umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa Karim Benzema w’imyaka 35 yipfuza kubandanya akinira Real Madrid nibura umwaka umwe, ni inyuma y’aho yankiye ivyo yemererwa n’umurwi wo muri Saudi Arabia. (Marca – mu ki Espagnol)

Chelsea na Liverpool ziriteguye kurwanira umutaliyano akina hagati Nicolo Barella w’imyaka 26, mu gihe Inter Milan yiteguye kumugurisha ku miriyoni 44 z’amapawundi. (Calciomercato iciye kuri Sun)

Manchester United yagiranye ibiganiro vyiza na Monaco kugira ngo irabe ko uyu murwi wo mu Bufaransa woyiha Umufaransa akina inyuma Axel Disasi w’imyaka 25. (Give Me Sport)

Manchester United ishobora kurondera umufaransa akina inyuma muri Bayern Munich Benjamin Pavard w’imyaka 27, mu gihe Bayern yoramuka ikubise hasi United mu rugamba rwo kurondera umunya-Hollande Jeremie Frimpong w’imyaka 22 akina inyuma muri Bayer Leverkusen, mu ci riza. (Football Insider)

Umunyegori wa Espagne David Raya w’imyaka 27 nta gikumu azotera ku masezerano mashasha na Brentford, uyu murwi ukaba witeguye kumugurisha imiriyoni 40 z’ama-euros mu ci riza. (Fabrizio Romano)

Umukinyi wo hagati wa Brezili Philippe Coutinho w’imyaka 30 ariko araraba ko yova muri Aston Villa, akaba ashobora gusubira muri Inter Milan. (InterLive iciye kuri Sports Witness)

Everton nta ngingo ntabanduka irafata kuri kazoza k’umwongereza akina inyuma Conor Coady w’imyaka 30, akaba yatijijwe muri uno murwi avuye muri Wolves. (Liverpool Echo)

Bologna irahanganye na Leicester City mu rugamba rwo kurondera umunya-Pays de Galles Jordan James w’imyaka 18 akina hagati muri Birmingham City. (Sun)

Umufaransa akina hagati Adrien Rabiot w’imyaka 28 avuga ko arindiriye kuvugana na Juventus ku bijanye n’amasezerano mashasha. Amasezerano asanzwe afitaniye n’uyu murwi azorangira mu ci riza. (Fabrizio Romano)

Umukinyi wo ku ruhande wa Borussia Dortmund Umudagi Marco Reus w’imyaka 33 yiteze gutera igikumu ku masezerano mashasha yo kuzobandanya akinira uyu murwi mu mwaka w’inkino uza, n’aho bizoba ngombwa ko agabanirizwa umushahara, amasezerano asanzwe afitaniye n’uyu murwi akazorangira mu ci riza. (Bild – mu kidagi)

Umumenyereza wa Barcelona Xavi Hernandez aripfuza ko umukinyi wayo wo hagati Sergio Busquets yobandanya akinira uyu murwi nibura umwaka umwe w’inkino imbere y’uko yimukira mu murwi wo mw’ihiganwa rya Amerika, MLS. (Goal)