Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi kuri uno wa Mungu: Lukaku, Caicedo,Rice, Pickford, ...

Yatangajwe

Arsenal yatangaje igiciro kigira kabiri c’imiriyoni 70 z’amapawundi ishobora gutanga kugira irabe ko yoronka umukinyi wo hagati wa Equateur Moises Caicedo w’imyaka 21, ariko umurwi wiwe wa Brighton umushakako imiriyoni 80 z’amapawundi. (Mail on Sunday)

Arsenal izobandanya irondera Umwongereza akina hagati muri  West Ham  Declan Rice w’imyaka 24, n’aho yoramuka ironse Caicedo. (Telegraph)

Mu ci riza, Newcastle na Tottenham zishobora kurwanira umusatirizi w’Ububirigi Romelu Lukaku w’imyaka 29, asanzwe akina muri Inter Milan yatijijwemwo na Chelsea. (Calciomercato – mu gitaliyano)

Leicester City yasavye Leeds United  ko yoyiha umukinyi wayo wo ku ruhande, Umwongereza Jack Harrison  w’imyaka 26, ku miriyoni 20 z’amapawundi. (Athletic)

Tottenham irakurikiranira hagufi umunyegori wa Everton, Umwongereza Jordan Pickford w’imyaka 28 igashobora kumurondera mu ci riza. (Football Insider)

Nottingham Forest iriko iraraba ingene yogura Umunyamerika akina hagati muri Juventus, Weston McKennie, asanzwe aronderwa kandi na Leeds United. (Athletic)

West Ham yahambije Aston Villa mu rugamba frwo kurondera umukinyi wo hagati wa Marseille, umufaransa  Matteo Guendouzi w’imyaka 23. (Metro)

Tottenham iripfuza umukinyi w’inyuma wa Bayer Leverkusen umunya-Equateur Piero Hincapie w’imyaka 21, ariko ntiyipfuza gushikana igiciro gisabwa na Leverkusen c’imiriyoni 80 y’amapawundi. (Sun on Sunday)

Aba ba Spurs bashitse ku masezerano yo ku munwa n’umurwi Sporting Lisbon ku munya-Espagne akina inyuma Pedro Porro w’imyaka 23, kandi bariteguye kumutangako imiriyoni 48 z’ama-euro. (Record – mu gi- portugal)

Aston Villa na Crystal Palace zitegerezwa gutanga imiriyoni 25 z’amapawundi nimba zishaka kuronka umusatirizi wa Watford n’umurwi nserukiragihugu wa Senegal Ismaila Sarr w’imyaka 24. (Sun on Sunday)

Fulham yemeye igiciro gishasha kugira ngo irabe ko yoronka umunya-Brezili akina hagati muri Fluminense Andre w’imyaka 21, ku ntizo. (Fabrizio Romano)

Bournemouth iriko irategura imiriyoni 12 z’amapawundi kugira ngo irabe ko Fenerbahce yo muri Turukiya yoyiha umunya-Nigeria akina ku ruhande Bright Osayi-Samuel w’imyaka 25. (Sun on Sunday)

Everton yasubiye kurondera umusatirizi wa Ecosse Che Adams w’imyaka 26 asanzwe akinira Southampton. (Football Insider)