Sawayama, umuririmvyi yatahuye ko urukundo rwari uruhendo

Sawayama, umuririmvyi yatahuye ko urukundo rwari uruhendo
Yatangajwe

Rina Sawayama, ni umuririmvyi rurangiranwa yamuka m’Ubuyapani.

Iyo aba I London, ashinga intahe ubwa mbere, ko urukurikirane rw’indirimbo [album] yasohoye, rushingiye ku magorwa yaciyemwo m’ubuto.

Avuga ko urukundo n’umwigisha wiwe, aho yiga, rwari uruhendo, kandi ko vyamukozeko cane.