Igura n'igurishwa ry'abakinyi: Neymar, De Ligt, Ronaldo, De Jong, Raphinha, Sterling, Dembele

Yatangajwe

Mu masezerano yo kurondera umukinyi w'inyuma wa Juventus umunya-Hollande Matthijs de Ligt w'imyaka 22,  Chelsea iriteguye kwongerako umudagi wayo akina imbere  Timo Werner, w'imyaka 26 (Sky Sports)  

Manchester United ifise icizere cinshi ko izoruhira gutahukana umukinyi wa mbere irondera cane  Frenkie de Jong, ikaba yiteze kwumvikana na Barcelona ku masezerano y'imiriyoni 69 z'amapawundi kuri uno mukinyi wo hagati w'umunya-Hollande w'imyaka 295.  (Goal) 

Umusatirizi wa Manchester United na Portugal  Cristiano Ronaldo w'imyaka 37 yabaye ku rutonde rw’ibiganiro igihe nyen'umurwi wa  Chelsea Todd Boehly yavugana n'umuserukizi w'uyu mukinyi Jorge Mendes, mu ndwi iheze.  (The Athletic

Roma iripfuza kugura Ronaldo ikamushira hamwe n'uwahoze ari umumenyereza wiwe muri Real Madrid, Jose Mourinho. (Retesport) 

Hagati aho, Manchester United ishobora kwisanga yinjiye mw'ideni ry'umuriyaridi w'amapawundi mu gihe yobandanya n'imigambi yayo yo gukomeza Old Trafford. (Mirror

Porto yiteze ko Liverpool yongereza akariro mu rugamba rwo kurondera umunya-Portugal akina ku ruhande Otavio w'imyaka 27, muri ino ndwi, inyuma y'aho yankiye imiriyoni 26 z'amapawundi yatanzwe na  Leeds United. (Mirror) 

Arsenal yiteze kwongereza akariro mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa  Leeds na Brezili  Raphinha w'imyaka 25, mu gihe uyu murwi w'i Londres uboneka ko uhabwa amahirwe yo gushika ku masezerano kuri uyu mukinyi w'imyaka 25.  (The Athletic

Juventus na Paris St-Germain zatanguye ibiganiro ku musatirizi wa Brezili Neymar w'imyaka 30, asanzwe kandi ariko araronderwa na  Chelsea. (AS

Umumenyereza wa Chelsea Thomas Tuchel yatanguye kuvugana n'umusatirizi wa  Manchester City umwongereza  Raheem Sterling w'imyaka 27, uyu murwi w'i Londres ukaba wipfuza uyu mukinyi. (Telegraph) 

Chelsea irarondera Sterling hamwe n'umufaransa akina ku ruhande Ousmane Dembele w'imyaka  25 muri  Barcelona, ubu akaba yidegemvya, mu gihe uyu murwi witeze gusohora imiriyoni zirenga 150 z'amapawundi mu kugura abakinyi muri rino ci. (Mail) 

Nottingham Forest iri hafi yo gushika ku masezerano na  Liverpool ku mukinyi w'inyuma ku ruhande rw'i buryo umunya-Pays de Galles Neco Williams w'imyaka 21, ari ku giciro cimiriyoni 15 z'amapawundi, hamwe kandi na Morgan Gibbs-White w'imyaka 22, umwongereza akina hagati muri  Wolves, uyu mukinyi akaba ari ku giciro c'imiriyoni 20 z'amapawundi. (Sun) 

Everton na Tottenham irabandanya ibiganiro kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi wo hagati w'aba Spurs, umwongereza  Harry Winks w'imyaka 26. (Sky Sports

Umwongereza akina ku ruhande  Malcolm Ebiowei w'imyaka 18 yanse amahirwe yo kwinjira muri  Manchester United akaba yahisemwo kuja muri Crystal Palace inyuma y'aho amasezerano yari afitaniye na  Derby arangiriye. (Sun)

Umukinyi w'inyuma wa Middlesbrough Djed Spence yasavye ko ava muri uno murwi n'aho ata masezerano na  Tottenham arashikwako  kuri uno mukinyi w'inyuma w'umwongereza w'imyaka 21.  (Football.London

Leeds United iriko irategura imiriyoni 26 z'amapawundi yo guha Club Bruges kugira irabe ko uyu murwi wo mu Bubirigi woyiha umubirigi Charles de Ketelaere w'imyaka  21. (Mail) 

Bayern Munich iriko iranka akamo iterwa n'umurwi Barcelona uyibwira ko wipfuza umusatirizi wa umunya Pologne  Robert Lewandowski w'imyaka 33, mu ntumbero yo gushaka kumugumana. (Sport)

Umunya-Colombia James Rodriguez w'imyaka 30 yahoze akina hagati muri  Everton aripfuza gusubira gukina i Bulaya igihe azoba avuye muri Al-Rayyan yo muri Qatar. (Fabrizio Romano

Umukinyi w'inyuma  Samuel Umtiti w'imyaka  28 agiye gusezera muri Barcelona muri rino ci, Girona n'iyindi mirwi yo mw'ihiganwa ry'Ubutaliyano Serie A ikaba yipfuza uyu mufaransa.  (Ekrem Konur

Umusatirizi Marco Asensio w'imyaka 26 be n'umukinyi wo hagati Dani Ceballos w'imyaka 25, bompi bavugwa ko bashobora kuva muri Real Madrid muri rino ci.  (Marca