Igikombe c’isi ku bagore: “Nabwirizwa kudandaza imbombo ngo nitunge muri football”

Igikombe c’isi ku bagore: “Nabwirizwa kudandaza imbombo ngo nitunge muri football”
Yatangajwe

Menya neza : twarihenze, Leicy yabaye umugore wa kabiri aronkejwe agashimwe k'itororokanirizo ry'amakuru EEF (si we wa mbere).

Ku myaka 13, Leicy Santos yarahinduye burundu ubuzima, yimukira i Bogota.

Uwo mugwa mukuru wa Colombia, ubuzima ntibworoshe, ariko yahakomereje impano, aba rurangiranwa muri football, ashika m’umugwi Atletico de Madrid.

Uyu mwaka, ari mu bazoserukira igihugu mu gikombe c’isi, ubbwa kabiri.