Inama ya EAC na SADC i Dar es Salaam: Tshisekedi na Kagame ntibagihuye amaso mu yandi

Perezida Paul Kagame w'Urwanda ari i Dar es Salaam mu nama y'abakuru b'ibihugu vya EAC na SADC ariko Perezida Felix Tshisekedi wa Congo ntiyahashitse
Insiguro y'isanamu, Perezida Paul Kagame w'Urwanda ari i Dar es Salaam mu nama y'abakuru b'ibihugu vya EAC na SADC ariko Perezida Felix Tshisekedi wa Congo ntiyahashitse
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 4

Inama rusangi y'abakuru b'ibihugu bigize umuryango wa Afrika y'Ubuseruko n'ishirahamwe rihuza ibihugu vyo muri Afrika y'ubumanuko yatanguye mu gisagara ca Dar es Salaam muri Tanzania, mu ntumbero yo gutorera umuti intambara yo mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

Vyari vyitezwe ko Perezida Felix Tshisekedi ahura amaso mu yandi na Perezida Paul Kagame w'Urwanda ariko ayitaba akoresheje ubuhinga bwa videwo, ahubwo akaba yarungitse umushikiranganji wa mbere Judith Suminwa.

Perezida Kagame wewe ni ho ari, mu gihe Perezida Evariste Ndayishimiye w'Uburundi, igihugu carungitse ingabo gufasha reta ya Congo kurwanya inyeshamba, na we yaserukiwe n'umushikiranganji wa mbere.

Mw'ijambo ryiwe, Perezida Samia Suluhu Hassan wa Tanzania – ari na co gihugu cakiriye iyi nama y'akarere – asaba impande zishamiranye kuja mu biganiro.

Ati: "Dusaba impande zose zishamiranye mu ntambara ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo kwitaba ibiganiro mu bugwaneza, gushira imbere ineza y'abanyagihugu bayo no kwiyemeza kubana mu Mahoro".

Asaba aba bategetsi b'akarere gutorera umuti iyi ntambara, akagabisha ko ari nka hamwe bonanirwa, kahise kazobacira urubanza rukomeye.

Ati: "Nk'abarongozi b'akarere, kahise kazoducira urubanza rukomeye nitwarera amaboko turaba gusa ingene ibintu biriko birayangara uko bukeye uko bwije.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

"Kandi nk'uko biri mu civugo ngo inyishu nyafrika ku ngorane za Afrika, ibihugu vyacu bifise inshingano rusangi yo gukora uko dushoboye mu gutorera umuti vuba bwango ingorane z'umutekano muke zihari, zagize ingaruka zikomeye ku mibereho myiza y'abasivire ataco bazira".

Hari ukwinubana gukomeye hagati ya Kigali na Kinshasa, aho Perezida Tshisekedi yagiriza Urwanda ko ari rwo rushigikiye inyeshamba za M23 zimaze kwigarurira uturere tutari duke mu buseruko bwa Congo, harimwo n'igisagara ca Goma, umugwa mukuru w'intara ya Kivu ya Ruguru.

Ku rundi ruhande, Kigali yagiriza reta ya Congo ko ikorana n'inyeshamba za FDLR zirwanya ubutegetsi bw'Urwanda, ivyo reta ya Congo ivuga ko ari ivyitwazo.

Urwanda ruherutse kwiyamiriza ingabo za SADC muri Congo ruvuga ko atari ingabo zarungitswe ngo zibungabunge amahoro, ko ahubwo ari ingabo zifise uruhara mu "bitero" vyo gufasha reta ya Congo "kurwanya abanyagihugu bayo".

Tshisekedi avuga ko adashobora kuganira na M23, ahubwo agasaba ko Urwanda ruva ku butaka bw'igihugu ciwe, rukongera rugafatirwa ibihano.

Mu gihe ishirahamwe EAC risaba ko haba ibiganiro hagati yar eta na M23, SADC ishigikira ibisabwa na Kinshasa ko Urwanda rutahukana ingabo zarwo.

'Hazotegerezwa gupfa inzirakarengane zingahe kugira dutore umuti w'indyane?'- Geneva

Abari mu bibazo vy'intambara muri RD Congo

Ahavuye isanamu, AFP

Ni mu gihe umukuru w'Inama nkuru ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu agabisha ko, ata gikozwe, ibintu bishobora kuba nabi gusumba mu misi iri imbere ku banyagihugu bo mu buseruko bwa Congo, eka no mu karere kose.

Mu nama idasanzwe y'iri shami yabaye ejo ku cicaro caryo i Genève/Geneva mu Buswisi, Volker Türk arongoye iyi Nama na we nyene yinjiye ku rutonde rw'abagiriza Urwanda ko rufashe mu mugongo inyeshamba za M23, agasaba ko hagira igikozwe kugira ngo ibintu ntibihave biyangara.

Ati: "Kuva mu ntango z'umwaka, umurwi witwaje ibirwanisho M23, ufashwe mu mugongo n'ingabo z'igisirikare c'Urwanda, warongereje ibitero vyawo mu ntara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo. Muri uno mwanya, icuka kibi kiriko kiriyongera muri Kivu y'Epfo".

Mw'ijambo ryiwe, Volker Türk avuga ko "abanyagihugu ba Congo bari mu mahano amaze imyaka mirongo", agasaba ko "abafise uruhara bose bakora kugira ngo aka kaga kabi gahere vuba bwango".

Ati: "Ni inzirakarengane zingahe zitegerezwa gutakaza ubuzima, kugira ngo duhebe tubone ugushaka nyakuri kwa poritike kugira ngo izi ndyane zitorerwe umuti?

Ku bwiwe, abiyumvira "inzira za gisirikare mu gutorera umuti iki kibazo barihenda", agasaba impande zose "gushira ibirwanisho hasi bagasubira mu biganiro mu rwego rw'amasezerano ya Luanda na Nairobi".

Abandanya ashimangira "akamo k'umunyamabanga mukuru w'ishirahamwe ONU ku ngabo z'Urwanda guhagarika gushigikira M23 no kuva ku butaka bwa RD Congo".

Ati: "Inzira y'intamara kandi siyo nyishu ku bibazo vya poritike, vy'imibano n'ivy'ubutunzi, harimwo icukura riteye kubiri n'amategeko y'amatungo kama, ari na yo ntandaro y'iyi ntambara".

Hagati aho, uwuserukira Urwanda muri iyo nama James Ngango yamirira kure ivyo igihugu ciwe cagirizwa, agasubiramwo ahubwo ibirego giherutse gushikiriza kivuga ko urunani rufatanije na Congo bariko bategura igitero gikomeye kuri Kigali.

Volker Türk yagirije amakungu yose ko afise uruhara mu mahano abanyagihugu ba Congo bariko baracamwo, mu kugura ubutare buva muri ico gihugu, ari na vyo bituma intambara idahera.

Agira ati: "Ndababazwa n'umubabaro uteye agahinda abanyagihugu bo mu buseruko barimwo, mu gihe vyinshi mu vyo dukoresha, nk'amaterefone ngendanwa, bimwe mu biyigizie biva mu butare buva mu buseruko. Twese rero tubifisemwo ukuboko".

Uyu munya- Autriche arongoye Inama ya ONU ijejwe agateka ka zina muntu yizeye ko inama y'abakuru b'ibihugu vya EAC na SADC iriko ibera i Dar es Salaam izogira ico ishitseko mu gutotera umuti urama izi ndyane.