Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Lewandowski yipfuza kuguma muri Barcelona nubwo aronderwa
Crystal Palace ifise ubwoba ko umukinyi wayo w’inyuma, Umwongereza Marc Guehi w’imyaka 23 ari ku giciro c’imiriyoni 55 z’amapawundi ashobora gusezera mu ci riza, mu gihe Manchester United na Arsenal ziriko zimuraba ryiza. (Times)
Umusatirizi wa Nigeria Victor Osimhen w’imyaka 25 yiteze gusezera umurwi wiwe Napoli wo mu Butaliyano mu ci riza, agashobora kuzokwimukira muri Chelsea canke PSG. (Gazzetta – mu gitaliyano)
Borussia Dortmund iriko iragerageza kuraba ingene yohindura amasezerano y’intizo ifitaniye n’umurwi Manchester United ku mukinyi wo ku ruhande, Umwongereza Jadon Sancho w’imyaka 24 mu ci riza kugira ngo irabe ko yomwegukira burundu. (Fabrizio Romano)
Manchester United iriko iriga kuri kazoza k’umumenyereza wayo Erik ten Hag, ivyofasha mu kwiga ingene yogarukana mu murwi umukinyi Sancho. (Express)
Liverpool iriko iritegurira urugamba n’imirwi yo muri Arabia Sawudite iriko irondera umusatirizi wayo, Umunyamisiri Mohamed Salah w’imyaka 31 ku mafaranga agera ku miriyoni 150 z’amapawundi. (Football Insider)
Umukinyi w’inyuma w’Ubuholande Lutsharel Geertruida w’imyaka 23, ashobora gusezera umurwi wiwe wa Feyenoord hampande y’umumenyereza wayo Arne Slot kugira ngo yimukire muri Liverpool inyuma y’uko uno mukinyi abonetse mu barorerezi bari mu kibuga igihe inganya 2-2 na West Ham mu rukino rwabaye ku wa gatandatu. (Express)
Umusatirizi wa Pologne Robert Lewandowski w’imyaka 35 arashaka kwigumira muri Barcelona mu ci riza, nubwo hari imirwi yo muri Arabia Sawudite imwipfuza. (Sport – mu ki-espagnol)
Juventus na Roma ziripfuza umukinyi wo hagati wa Arsenal umwongereza Charlie Patino w’imyaka 20, ubu ariko akinira Swansea City yatijijwemwo. (Calciomercato – mu gitaliyano)
Umukinyi wo hagati wa West Ham na Brezili Lucas Paqueta w’imyaka 26 avuga ko anezerewe cane muri uwo murwi mu gihe hari amakuru avuga ko azokwimukira muri Manchester City. (ESPN, iciye kuri Goal)
Arsenal, Liverpool na Manchester United iripfuza umukinyi wo hagati wa Brighton Umunya-Cameroun Carlos Baleba w’imyaka 20. (Caught Offside)
Leeds iripfuza kugura umukinyi w’inyuma wa Liverpool Umwongereza Nat Phillips w’imyaka 27 ubu yatijijwe muri Cardiff. (Mirror, iciye kuri Yorkshire Post)
Manchester United na Chelsea zishobora kuba zihanganye mu rugamba rwo kurondera umukinyi w’inyuma wa Inter Milan Umunyaholande Denzel Dumfries w’imyaka 28. (Fichajes – mu ki-Espagnol)
Umukinyi w’inyuma wa Brezili Thiago Silva w’imyaka 39 ariko arihweza nimba yosezera mu murwi wiwe Chelsea mu mpera z’ihiganwa ry’uno mwaka w’inkino, agashobora kuzokwimukira muri Fluminense yo muri Brezili. (Teamtalk)
Everton bishobora kuba ngombwa ko igurisha umukinyi w’inyuma, umwongereza Jarrad Branthwaite w’imyaka 21, mu ntumbero yo gukurikiza amategeko agenga ikoreshwa neza ry’amafaranga mu mirwi, ibi bigashobora kumwugururira imiryango yo kwimukira muri Manchester United. (Sun)
Arsenal yatanguye ibiganiro n’umukinyi wayo w’inyuma, Umunyabrezili Gabriel Magalhaes w’imyaka 26 mu ntumbero yo kugiriranira amasezerano mashasha. (Fichajes – mu ki-espagnol)
Arsenal na Borussia Dortmund ziripfuza umukinyi wo hagati wa Barcelona Umunya-Espagne Brian Farinas w’imyaka 18. (Caught Offside)