Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo: muganga Mudji w’i Kikwit yamenyekanye mu cafashwe nk’igitangaro yaterereyemwo
Mu gihe RDC iza ubwa kabiri -inyuma ya Nigeria- mu bihugu vya Africa bibangamiwe na malaria, muganga Mudji Junior w'i Kikwit biramuraje ishinga.
Ni wa muganga yafasha gufatanura amahasa yari yavutse afatanye i Kikwit, m’uburengero bwa RD Congo, mu 2017.
Haheze igihe, kamwe kahavuye gashōma (gapfa), gahitanywe na malaria, ivyababaje cane Mudji.
Ubu uwo muganga yagize amahigwe, aja kunonosora ubumenyi muri kaminuza rurangiranwa ya Oxford m’Ubwongereza.
Indoto ziwe ni nyinshi, kandi Prof. Mike English amuhanura, yabwiye Florentine Kwizera wa BBC ko amufiseko icizere kinini.