DR Congo: muganga Mudji w’i Kikwit yamenyekanye mu cafashwe nk’igitangaro yaterereyemwo

Insiguro ya video, Uwo muganga yagize amahigwe yo kunonosora ubumenyi muri kaminuza rurangiranwa ya Oxford.
DR Congo: muganga Mudji w’i Kikwit yamenyekanye mu cafashwe nk’igitangaro yaterereyemwo
Yatangajwe

Mu gihe RDC iza ubwa kabiri -inyuma ya Nigeria- mu bihugu vya Africa bibangamiwe na malaria, muganga Mudji Junior w'i Kikwit biramuraje ishinga.

Ni wa muganga yafasha gufatanura amahasa yari yavutse afatanye i Kikwit, m’uburengero bwa RD Congo, mu 2017.

Haheze igihe, kamwe kahavuye gashōma (gapfa), gahitanywe na malaria, ivyababaje cane Mudji.

Ubu uwo muganga yagize amahigwe, aja kunonosora ubumenyi muri kaminuza rurangiranwa ya Oxford m’Ubwongereza.

Indoto ziwe ni nyinshi, kandi Prof. Mike English amuhanura, yabwiye Florentine Kwizera wa BBC ko amufiseko icizere kinini.

Ubu uwo muganga yagize amahigwe, aja kunonosora ubumenyi muri kaminuza rurangiranwa ya Oxford m’Ubwongereza.
Insiguro y'isanamu, Ubu uwo muganga yagize amahigwe, aja kunonosora ubumenyi muri kaminuza rurangiranwa ya Oxford m’Ubwongereza.