EU-Burundi: Imfashanyo y'amafaranga reta ikoresha igeze he?

Yatangajwe

Umwaka urarangiye Ishirahamwe rya Buraya rivanyeho ingingo zihagarika imfashanyo zimwe zimwe ryaha Uburundi imbere y’intureka zijanye n’amatora yo mu 2015.

Mu vyvari vyahagaritswe harimwo amafaranga iryo shirahamwe ryaterera mu yo reta y’Uburundi yakoresha buri mwaka.

Ayo mafaranga yarenga 40% y’ayategekanywa. Ariko n’ubu inyuma y’umwaka izo ngingo zivanyweho, Ishirahamwe rya Buraya ntirarasubira kuyaha reta y’Uburundi.

Claude Boschu aserukira Ishirahamwe rya Buraya mu Burundi. Mugenzi wacu Prime Ndikumagenge yamubajije aho ibintu bigeze.

Fyonda aho hejuru wumvirize inyishu ziwe.