Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w’amaguru: Rooney, Sancho, Vinicius Jr, Lukaku, Kane, Garcia, Potter, Wan-Bissaka
Uwahoze ari umusatirizi w’Ubwongereza na Manchester United Wayne Rooney yemeye amasezerano na Birmingham City ko yoyibera umumenyereza ku mushahara usumba incuro zitatu uwa John Eustace imbere y’uko yirukanwa n’uno murwi wo mu cicaro ca kabiri. (Times)
Manchester United iriteguye gufasha mu kuriha umushahara w’ibihumbi 300.000 vy’amapawundi ku ndwi kugira ngo irabe ko hoba umurwi wemera gutizwa Umwongereza akina ku ruhande Jadon Sancho w’imyaka 23 mu kwa mbere mu gihe yobandanya anana gusaba imbabazi umumenyereza Erik ten Hag. (Mail)
Umusatirizi wa Brezili Vinicius Jr w’imyaka 23 ntaratera igikumu ku masezerano mashasha na Real Madrid, mu gihe ayo asanzwe afitaniye nayo azorangira mu ci riza. (Sport)
Chelsea iriteguye kurekura mu ci riza umusatirizi wayo, Umubirigi Romelu Lukaku w’imyaka 30 ubu asanzwe yaratijijwe muri Roma, ku miriyoni 37 z’amapawundi. (Fabrizio Romano)
Sporting Lisbon ishobora kurondera kugarukana umukinyi w’inyuma, Umwongereza Eric Dier w’imyaka 29 mu kwa mbere, vyanse naho ikarondera kumugarukana mu ci riza, mu gihe amasezerano afitaniye na Tottenham azoba arangiye. (Times)
Umukuru wa Bayern Munich vy’iteka, Uli Hoeness, avuga ko uno murwi wo mu Budagi watanze imiriyoni 82 z’amapawundi mu kugura umusatirizi w’Ubwongereza Harry Kane w’imyaka 30 muri Tottenham mu ci riheze, si imiriyoni 85 z’amapawundi n’utundi turusho two ku ruhande nk’uko vyari bikunze kuvugwa. (BR24)
Umukuru wa Napoli Aurelio de Laurentiis ariteguye kubandanya akorana n’umumenyereza w’uno murwi, umufaransa Rudi Garcia, n’aho uno murwi watanguye nabi uno mwaka w’inkino mu kurondera kuzigama igikombe cawo ca Serie A. (Football Italia)
Uwahoze ari umumenyereza wa Brighton na Chelsea, umwongereza Graham Potter, ni umwe mu mazina avugwa ko ashobora kuja kumenyereza Napoli mu gihe yoramuka ifashe ingingo yo gusubiriza Garcia, hampande y’umunya-Croatia Igor Tudor n’umunya-Argentine Marcelo Gallardo. (Foot Mercato)
Manchester United iri mu biganiro n’umwongereza akina inyuma ku ruhande rw’i buryo Aaron Wan-Bissaka w’imyaka 25 ku bijanye n’amasezerano mashasha. (Football Insider)
Manchester United iriko kandi irarondera kugura abanya-Brezili babiri, Luis Guilherme akina hagati muri Palmeiras hamwe na Lorran akina ku ruhande muri Flamengo bompi b’imyaka 17. (Mirror)
Umumenyereza wa Atletico Madrid Diego Simeone w’imyaka 53 yemeye ku munwa gutera igikumu ku masezerano mashasha n’uno murwi wo muri Espagne. (Fabrizio Romano)
Uwahoze ari umukinyi wo hagati wa Manchester United n’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza David Beckham w’imyaka 48 azoronswa ikibanza ca ambasaderi muri uno murwi w'i Old Trafford mu gihe Sheikh Jassim bin Hamad Al Thani yoramuka awufashe mu minwe. (talkSPORT).
Mu gihe azoba avuye mu nkino mpuzamakungu z’Ubutaliyano, umukinyi w’inyuma wa Juventus Federico Gatti w’imyaka 25 yiteguye gutera igikumu ku masezerano yo kwongereza ikiringo co gukinira uno murwi gushika mu 2028. (Tuttosport, iciye kuri Tuttomercatoweb)
Bordeaux yo mu Bufaransa iripfuza ko uwahoze akina ku ruhande muri Liverpool Albert Riera yoyibera umumenyereza – ubu ikaba iri mu biganiro n’umurwi NK Celje wo muri Slovenia asanzwe afitaniye amasezerano na wo iwusaba ko worekura uno munya-Espagne w’imyaka 41. (L'Equipe – mu gifaransa)