13 baguye mu nzu y’ umwidagaduro mu muriro wadutse mu gatondo ko kuri uno wa Mungu muri Espagne

Insiguro ya video, Hagati muri ino nzu y'umwidagaduro mu gihe abajejwe kuzimya imiriro y'ivyaduka bariko bagerageza kuzimya uno muriro wihaye inkumbi
Yatangajwe

Abantu nibura 13 bapfiriye mu nzu y’umwidagaduro mu gisagara ca Murcia kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Espagne, nk’uko bitangazwa n’abategetsi.

Uno muriro wadutse hafi isaha cumi na zibiri mu gatondo ko kuri uno wa Mungu mu nzu y’umwidagaduro Teatre izwi cane.

Videwo yahanahanywe ku mbuga hwaniro yerekana imbeya hejuru y’iyi nyubakwa, umwotsi mwinshi wirabura uca mu madirisha.

Abajejwe ubutabazi bariko bararondera abantu baburiwe irengero bakaba baciye bahashika muri ako kanya.

Bagabisha ko igitigiri c’abapfuye gishobora kwiyongera.

Ikinyamakuru La Verdad de Murcia candika ko umugore w’imyaka 28 yaburiwe irengero muri uno muriro yarungikiye ubutumwa bw’ijwi nyina wiwe avuga ati: "Mama, ndagukunda, aha turapfuye”, aho hari nk’isaha cumi na zibiri igihe uno muriro waduka.

Uno mugore yaburiwe irengero yari yagiye muri ino nzu y’ubutambiro ari kumwe n’umukunzi wiwe n’abandi bagenzi hafi y’ahitwa Caracava.

Se wiwe azwi kw’izina rya Jairo yabwiye iki kinyamakuru ati: "Bari bagiyeyo kubera ng’aha i Caravaca ata nzu z’umwidagaduro zihari. Ubu bwari bugize kabiri ajayo”.

Abajejwe kuzimya imiriro y’ivyaduka bashoboye kwinjira muri iyo nyubakwa hafi y’isaha zibiri aho bashitse batora ibiziga bine, ibindi bine bakaza kubitora haciye iminota 40. Babandanije batora ibindi.

Abantu bane bariko baravurwa mu bitaro kubera umwotsi bamize.

Icateye uno muriro wadutse mu gihe iyi nzu y’umwidagaduro yari igishushe ntikiramenyekana.

Imiryango ibandanya yisukira ahabereye iri sanganya kugira bagerageze kurondera ababo.

Umushikiranganji wa mbere wa Espagne Pedro Sanchez arahoza imiryango yahaburiye ababo, akavuga ko reta izofata mu mugongo ubutegetsi bw’intara ya Murcia mu twigoro tw’ubutabazi.