Ubushakashatsi buvuguruza ivy'uko kiremwa-muntu yamuka ahantu hamwe muri Afrika

Yatangajwe

Abahinga n’abashakashatsi muri Canada na Reta Zunze Ubumwe za Amerika bashize ahabona ubushakashatsi bakoze buvuguruza ivyari bisanzwe vyibazwa ku mamuko y’ikiremwa-muntu muri Afrika.

Bashingiye ku makuru y’uduce ndangakamere [bashoboye kuronka], abashakashatsi bo muri kaminuza za McGill University na University of California, Davis bavuga ko hari abantu benshi baba mu bice bitandukanye vya Afrika, bimuka bava mu ruhande rumwe baja mu rundi kandi bavangana ku kiringo c’imyaka ibihumbi n’ibihumbi.

Ivyo bihushanye n’ivyahora vyibazwa ko Homo Sapiens yamuka ku bisokuruza vyabaye ahantu hamwe gusa muri Afrika y’ubuseruko canke y’ubumanuko.

"Mu bihe bitandukanye, abantu baremeye ibifatwa kuva kera nk’amamuko amwe ya Homo Sapiens ko ikiremwa-muntu ubwa mbere cabonetse muri Afrika y’ubuseruko canke Afrika y’ubumanuko", nk’uko bivugwa na Brenna Henn, umuhinga mu bumenyi bw’uduce ndangakamere kuri kaminuza ya University of California, Davis akaba ari n’umwe mu bahagarariye ubwo bushakashatsi.

"Ariko ntivyoroshe guhuza ivyibazwa kubera ubuke bw’ibizwi ku bisigarira [vyo mu kuzimu] n’ivyigwa vya kahise bibifatiyeko ku bibanza abantu babaye usanga ahantu hategeranye nka Maroc, Ethiopia na Afrika y’Epfo vyerekana ko Homo Sapiens yaba kuri uwo mugabane mu myaka nibura 300.000 iheze", nk’uko avuga.