Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Kane, Rice, Mount, Rabiot, Lavia, Maddison
Manchester United irashaka kugura umusatirizi wa Tottenham Umwongereza Harry Kane w’imyaka 29, umukinyi wo hagati wa West Ham Umwongereza Declan Rice w’imyaka 24, hamwe n’umukinyi wo hagati wa Chelsea Umwongereza Mason Mount w’imyaka 24, muri rino ci, uwa mbere akaba ari we ashirwa imbere. (Sky Sports)
Real Madrid yahawe akaryo ko kugura kizigenza w’Ubwongereza Kane. (Cadena Ser – mu ki espagnol)
Umugambi wa Manchester United wo kurondera Mount ushobora gutuma umunya-Hollande akina hagati Donny van de Beek w’imyaka 26, ava muri Old Trafford muri rino ci, co kimwe na Scott McTominay, Newcastle na West Ham zikaba zipfuza uno munya-Ecosse w’imyaka 26. (Sun)
Manchester United yatanguye ibiganiro na nyina hamwe n’umuserukizi w’Umufaransa kina hagati muri Juventus Adrien Rabiot w’imyaka 28, mu ntumbero yo kumuzana ataco irinze gutangwa. (Nicolo Schira)
Tottenham iriko irihweza neza nimba yoshira ku rutonde umumenyereza wa Celtic umunya-Australia Ange Postecoglou mu baronderwa kugira ngo bashobore kuyibera umumenyereza inyuma y’uko Arne Slot afatiye ingingo yo kuguma muri Feyenoord. (Independent)
Spurs kandi yegereye Brendan Rodgers yahoze amenyereza Leicester, Graham Potter yahoze amenyereza Chelsea hamwe kandi na Luis Enrique yahoze amenyereza umurwi nserukiragihugu wa Espagne, mu rugamba rwo kurondera uwoyibera umumenyereza. (Football Transfers)
Hagati aho, Enrique aboneka ko ari imbere mu bamenyereza bashobora gusubirira Christophe Galtier muri Paris St-Germain. (Goal)
Chelsea na Liverpool ziriko zirakurikiranira hagufi Umubirigi akina hagati Romeo Lavia w’imyaka 19, ariko umurwi yahoze akinira Manchester City nturi mu mirwi irondera uyu mukinyi wa Southampton. (Times)
Umukinyi wo hagati wa Leicester City n’umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza James Maddison w’imyaka 26, hamwe n’umukinyi w’inyuma wa Arsenal n’umurwi nserukiragihugu wa Ecosse Kieran Tierney w’imyaka 25, bararonderwa cane na Newcastle United muri rino ci mu gihe irondera gukomeza umurwi wayo kugira ngo ishobore kwitwara neza mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo, Ligue des champions/Champions League mu mwaka w’inkino uza. (i Sport)
Intego nyamukuru ya AC Milan ni ukugura umukinyi wo hagati wa Chelsea umwongereza Ruben Loftus-Cheek w’imyaka 27, muri rino ci. (Fabrizio Romano)
AC Milan yegereye abaserukizi b’umusatirizi Roberto Firmino w’imyaka 31 ariko arasezera muri Liverpool kugira irabe ko yogiriranira amasezerano n’uyu munya-Brezili. (Calciomercato – mu gitaliyano)
Manchester United iriko irakurikiranira hagufi umukinyi wo hagati wa Leeds United Tyler Adams w’imyaka 24. Aba ba-Whites nta mahirwe menshi bafise yo kugumana uno kizigenza w’umurwi nserukiragihugu wa Amerika mu gihe boramuka bamanutse mu cicaro ca kabiri. (Football Insider)
Newcastle iherutse kurungika ba maneko gukurikirana umukinyi wo hagati wa RB Leipzig akaba ari na kizigenza w’umurwi nserukiragihugu wa Hongrie Dominik Szoboszlai w’imyaka 22. (Sky Sports)
Fulham iri mu biganiro n’abaserukizi b’umusatirizi wayo, umunya-Brezili Willian w’imyaka 34 kugira ashobore gukinira uno murwi mu wundi mwaka w’inkino. (Fabrizio Romano)
Everton yegereye umumenyereza wa Botafogo yo muri Brezili Luis Castro w’imyaka 61, mu gihe iri mu biganiro vyo gusubiriza Sean Dyche nk’umumenyereza muri rino ci. (Daily Record)
Paris St-Germain iriko irarondera umunya-Uruguay akina hagati muri Sporting Lisbon Manuel Ugarte w’imyaka 22 ariko ikaba iriko imurwanira na Chelsea. (Fabrizio Romano)
Umusatirizi wa Argentina Angel di Maria w’imyaka 35 ariteguye gusezera muri Juventus mu gihe amasezerano afitaniye n’uyu murwi azoba arangiye muri iri ci, imirwi itari mike yo mw’ihiganwa rya Amerika, MLS, hamwe n’iyo muri Arabia Saoudite ikaba imwipfuza cane. (90min)
Umukinyi w’inyuma wa Portugal Diogo Dalot w’imyaka 24, ariko ararangiza ibiganiro kugira atere igikumu ku masezerano y’igihe kirekire muri Manchester United. (Fabrizio Romano)
PSV Eindhoven ntizogura umukinyi w’inyuma wa Everton Jarrad Branthwaite w’imyaka 20 kugira ngo imugumane burundu n’aho yavyitwayemwo neza muri uno mwaka w’inkino yari amaze yaratijijwemwo. (Football Insider)
Newcastle na Aston Villa ziri mu mirwi iriko irakurikiranira hagufi umukinyi wo hagati wa Swansea City umunya-Ecosse Azeem Abdulai w’imyaka 20. (Mail)