Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kazoza ka Perezida wa South Africa mu minwe ya ANC
Indongozi z'umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y'Epfo zirakorana kugira zige kazoza ka prezida Cyril Ramaphosa ahanzwe n'akamaramaza k'ibiturire katumye hariu abasaba ko atanga imihoho(yegura).
Umukuru wa Afrika y'Epfo Cyril Ramaphosa yavuze ko kazoza kiwe kari mu minwe y'umugambwe, mu majambo ya mbere yavuze kuva hasohotse icegeranyo ku kamaramaza k'amafaranga yibwe mw'iraro ryiwe.
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi basavye ko atanga imihoho (yegura) inyuma y'aho umugwi w'abahinga bashikiye ku mwanzuro ko ashobora kuba yararenze amategeko.
Ku wa gatandatu, umuvugizi wa prezida Ramaphosa yavuze ko aatazotanga imihoho.
Ariko ubu perezida yavuze ko urwego rukuru rufata ingingo mu mugambwe Africa National Congress (ANC) ari rwo ruja gufata ingingo y'ico agiye gukora.
Indongozi z'uwo mugambwe ziri mu nama i Johannesburg ziga ibiri muri ico cegeranyo.
Avugira hanze y'ahariko harabera inama, Ramaphosa yavuze ko bagenziwe bo muri komite y'umugambwe ku rwego rw'igihugu bamuhaye uruhusha rwo kutaba ari mu nama "kugira bisanzure mu kuvuga ata bwoba kandi ata nkunzi."
Ku wa mbere, urwego rwagutse gusumba rufata ingingo muri ANC (National Executive Committee, NEC) narwo nyene ruraja gukorana.
Ramaphosa yabwiye abamenyeshamakuru ati: "NEC, ari nayo ntegerezwa kwisigurako, niyo ija gufata ingingo iyo ari yo yose."
Ako kamaramaza kashitse mu kwezi kwa Ruheshi (6), igihe uwahoze ari umukuru w'igendereza rya Afrika y'Epfo, Arthur Fraser, ajaniye ikirego mu giporisi yagiriza umukuru w'igihugu kunyegeza ubusuma bwa miriyoni 4 z'ama dorari ($4.000.000) z'amafaranga abona kw'iraro ryiwe ryitwa Phala Phala mu 2020.
Ramaphosa yaremeye ko amafaranga yibwe, ariko we akavuga ko yangana na 580.000 vy'ama dorari, atari miriyoni 4.
Umukuru w'igihugu yavuze ko ayo $580.000 yari yavuye mw'igurishwa ry'imbogo, ariko uwo mugwi, wari urongowe n'uwahoze ari umukuru wa sentare ntahinyuzwa, wavuze ko hari "amakenga akomeye" ko iryo gurishwa ryoba ryarabaye.
Ivyashitsweko n'ayo matohoza vyararungitswe mu nama nshingamateka, itegekanya gukorana kugira ivyihweze kugira ifate ingingo niba yotanguza inzira itegekanijwe yo gukura umukuru w'igihugu.
Ku wa gatandatu, umuvugizi wa Ramaphosa Vincent Magwenya yavuze ko umukuru w'igihugu "adatanga imihoho hashingiwe ku cegeranyo c'amakosa kandi ko atagiye kuhava".
Ramaphosa ari ku gitutu haba mu batavuga rumwe n'ubutegetsi haba no mu mugabwe wiwe bwite kugira atange imihoho.
Ico cegeranyo ni kibi cane kuri Ramopha asanzwe yari yashitse ku butegetsi arahira kuzorwanya ibiturire vyari vyamugaje igihugu ku ntwaro y'uwo yasubiriye, Jacob Zuma.
ANC ubu irangwa n'ukubamwo ibice bibiri vy'abashigikiye Zuma n'abashigikiye Ramaphosa.