Turkiya yakoze ibitero vy'indege kuba-Kurde muri Syria na Iraq

Ahavuye isanamu, Turkish defence ministry
Turukiya yatanguye ibitero vy’indege ku bigo vy’Abakurde muri Iraq na Syria, indwi imwe inyuma y’igitero ca bombe muri Istanbul cagirizwa inyeshamba z’Abakurde.
Ibi bitero – vyiswe Operation Claw-Sword – vyakozwe ku birindiro vy’Abakurde vyakoreshwa mu gutegura ibitero kuri Turukiya, nk’uko bivugwa n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi.
Umuvugizi w’Abakurde bakomoka muri Syria avuga ko ibigwati bibiri bibamwo abataye izabo ari vyo vyatewe.
Umuhari PKK wabujijwe ibikorwa uvuga ko atari wo wakoze igitero ca Istanbul.
Igihe ibi bitero vy’indege bitangura, ubushikiranganji bwa Turukiya bujejwe kwivuna abansi bwanditse kuri Twitter ko “isaha yo kwirimbura” yari yageze, bushirako n’isanamu y’indege y’intambara igurutse hamwe n’amashusho y’igisasu gituritse.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Turukiya, Hulusi Akar, yagize ati: "Ubwihisho, ibinogo, amasenga, imyobo n’ububiko vy’abakora iterabwoba vyasambuwe”.
Mu nyuma ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Turukiya bwahavuye buvuga ko ibi bitero ku birindiro vy’inyeshamba z’Abakurde mu buraruko bwa Syria no mu buraruko bwa Iraq vyasambuye ibibanza 89.
Ingabo zirongowe n’Abakurde muri Syria ziyemeje ko zitegerezwa kwihora, zikavuga kandi ko igisagara ca Kobane catewe hamwe n’ibindi bigwati bibiri bibamwo abantu benshi.
Mu masaha yitereye y’ejo ku wa Mungu, igisasu ca muzinga carasiwe muri Syria kivugwa ko cakomerekeje abantu batatu ku rubibe na Turukiya, nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vyegamiye reta ya Turukiya.
Mu buraruko bwa Syria honyene, abantu 31 barishwe, nk’uko bivugwa n’ishirahamwe rya Syria riharanira agateka ka zina muntu, Syrian Observatory for Human Rights, rifise icicaro mu Bwongereza.
Ntibiramenyekana ibibanza vyatewe muri Iraq.

Ibi bitero bije indwi imwe inyuma y’igitero ca bombe cakozwe kuri rimwe mu mabarabara akoreshwa cane muri Istanbul kigahitana abantu batandatu congera gikomeretsa abarenga 80.
Abategetsi ba Turukiya bagiriza umuhari w’inyeshamba z’Abakurde, PKK, umuhari Turukiya, Ubumwe bwa Bulaya, na Reta Zunze Ubumwe za Amerika bifata ko ari uw’iterabwoba, ko ari wo wakoze iki gitero.
Ariko, PKK yoyo ivuga ko idashobora “gutera ibibanza vy’abasivire”, ugahakana ko ata ruhara ubifisemwo.
Abategetsi bahagaritse abantu batari bake bagirizwa ko bafitaniye isano n’iki gitero harimwo umugore w’umunya-Syria bavuga ko ari we yateze iki kibombe.
Imbere yo kumuhagarika, umushikiranganji wa Turukiya ajejwe ubutungane yavuze ko agasaho katuritse hafi y’intebe yari yicayeko umugore mu kiringo c’iminota 40.
Abantu batanu kandi barengukishijwe muri Bulgaria kuri iki gitero, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP.
Inyeshamba z’Abakurde zimaze imyaka mirongo zirwana zirondera ubutegetsi bwigenga bw’Abakurde mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Turukiya.
Mu myaka mike iheze, Turukiya yarakoze ibitero bitari bike hakurya y’urubibe itera imirwi y’Abakurde ifise ivyicaro mu buraruko bwa Iraq na Syria, mu ntumbero yo kuzibira ibitero ku butaka bwa Turukiya.










