Umugeni yishwe arashwe mw'ijoro ry'ubugeni bwiwe mu Bufaransa

Ahabereye iki gitero mu kigwati ca Goult haciye hazibirwa n'igipolisi

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ahabereye iki gitero mu kigwati ca Goult haciye hazibirwa n'igipolisi
    • Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Mw'ijoro ry'ubugeni bwiwe, umugeni yishwe arashwe n'abagabo bitwaje inkoho bari bambaye ibitambara vyo kwiyoberanya isura hafi y'ikigwati ca Avignon kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bw'Ubufaransa, nk'uko bivugwa n'abategetsi b'akarere.

Umwe mu bikekwa ko bakoze iki gitero na we nyene yarishwe mu kiboneka nk'ukurasana, umugabo wiwe hamwe n'umwana w'imyaka 13 barakomeretse cane muri ico gitero cabaye muri ico kigwati ca Goult .

Abapolisi bafashijwe na kajugujugu bari mu ruhigi ku gitigiri kitazwi c'abashoboye guhunga muri aba bantu bikekwa gukora iki gitero.

Ibinyamakuru vy'Ubufaransa bitangaza ko izi mvururu zishobora kuba zifitaniye isano n'ihorihiri rishingiye ku rucuruzwa rw'ibiyayuramutwe.

Abategetsi batanguye amatohoza kuri ubu bwicanyi n'ukugerageza kwica.

Didier Perello umukuru w'ikigwati ca Goult avuga ko ababajwe n'iki gitero

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Didier Perello umukuru w'ikigwati ca Goult avuga ko ababajwe n'iki gitero

Hafi isaha cumi z'ubucagucagu ejo ku wa Mungu, uno mugeni w'imyaka 27 hamwe n'umugabo wiwe w'imyaka 25, bariko bataha bava mu rubanza aho rwari rwabereye igihe aba bantu batamenyekanye babugururirako umuriro, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Amakuru ya mbere yavuga ko umwe muri aba bateye yari yishwe n'imodoka y'aba bageni ariko umushikirizamanza wa Avignon Florence Galtier avuga ko yishwe mu gihe haba "ukurasana".

Abashoboye gutoroka muri aba bateye bari baje n'imodoka baciye bahunga n'amaguru, nk'uko bivugwa n'uno mushikirizamanza.

Abantu 28 bose hamwe ni bo bari muri uru rubanza igihe haba iki gitero, nk'uko bivugwa n'igipolisi. Umugore umwe na we nyene yarakomeretse bukebuke.

Iki kibanza cari cakodeshejwe mu kwa gatatu "kugira kizoberemwo urubanza rw'ubugeni bw'abantu bataba muri iyo komine", nk'uko bivugwa n'umukuru w'ico kigwati, Didier Perello.

Yongeyeko ati: "Ndababaye cane. Turi hafi y'ibisagara, singomvye kubivuga amazina, aho ikibabaje, twari tumaze kubona ibintu nk'ivyo imbere y'aha".

Guillaume Molinas w'imyaka 50 afise inzu y'uburiro, avuga ko afise ubwoba ko iki gitero gishobora guha "izina ribi" iki kigwati kibamwo abantu bababa 1000.

"Igitero gikomeye caheruka muri iki kigwati ni icabaye haraciye imyaka 125", niko asubirwamwo na AFP avuga ariko adatanga insiguro.