DRC: Igipolisi cashwiragije abari mu myiyerekano mu gisagara ca Goma

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igipolisi co muri Republika ya Demokrasi ya Congo cakoresheje inguvu mu gushwiragiza abari mu myiyerekano mu gisagara ca Goma, mu buseruko bw'ico gihugu, biyamiriza ingabo z'akarere ka EAC.
Iyo myiyerekano yatumweko n'amashirahamwe ataho yegamiye muri politike yari iyo kwiyamiriza ingabo zarungitswe n'akarere k'ubuseruko bwa Afrika, EAC, bazagiriza ko ata co ziriko zirakora ngo zigarukane amahoro mu buseruko bwa Congo.
Inkuru ziva i Goma zivuga ko abari mu myiyerekano batewe ivyuka bikoroza amosozi, banaraswa n'amasase.
Abamenyeshamakuru nka babiri batewe ivyuka bikoroza amosozi ariko nta co babaye.
Abandi bamenyeshamakuru babiri bajanywe mu gasho k'igipolisi.

Ahavuye isanamu, AFP
Bitwaje ivyapa, abari mu myiyerekano bihereje amabarabara ya Goma, bavuga ko abasirikare b'akarere ka EAC bananiwe kubakingira, kandi ko imihari myinshi yitwaje ibigwanisho iri mu buseruko bwa Congo ibandanya kubica bigacika.
Ku musi wa kabiri, umukuru w'igisagara ca Goma yari yasohoye itangazo ryo kugabisha, abuza iyo myiyerekano, avuga ko igitigiri gito gusa c'abaharanira agateka ka zina muntu ari bo bazemererwa gutanga inyandiko ku biro vy'umukuru w'igisagara.
Ingabo z'akarere ka EAC, zirongowe n'igisirikare ca Kenya, zarungitswe muri ako karere mu kwezi kwa cumi na rimwe 2022.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Bisa n'uko hatanguye kuba intambwe. Umwe mu mihari ikomeye igwanira mu karere ka Nord Kivu, M23, uramaze gusubiza izo ngabo uturere duke wari wigaruriye, nk'uko bitegekanywa n'amasezerano y'abakuru b'ibihugu vy'akarere ya Luanda muri Angola yashizweko umukono mu mwaka uheze.
Ariko avugira mu nama mpuzamakungu yerekeye ubutunzi iriko irabera i Davos mu Busuwisi, prezida wa Congo, Felix Tshisekedi yavuze ko abagwanyi ba M23 batavuye muri utwo turere, ahubwo baguma batuzungurukamwo bongera baja no mu tundi.
Prezida Tshisekedi yavuze ashimitse ko abagwanyi ba M23 bafashwe mu mugongo n'Urwanda, ivyo ubutegetsi bwa Kigali buguma buhakana.
Intara ya Nord Kivu irangwamwo ubutunzi bwinshi, imaze imyaka irenga mirongo ibiri irangwamwo intambara n'ubwicanyi.









