Senegal: Uyu mugabo yiyemeje gutera ibiti imiriyoni zitanu

Ahavuye isanamu, Jo Hollis/BBC
Umugabo wo mu bumanuko wa Senegal yihaye intego yo gutera ibiti imiriyoni zitanu mu myaka itanu iri imbere.
Uyu mugabo Adama Diémé yagize iki ciyumviro igihe atahuka agasubira mu karere k’amavukiro yiwe ka Casamance mu 2020 inyuma y’imyaka mike yari amaze akorera i Bulaya.
Uyu mugabo w’imyaka 48 arababazwa n’ingene ibigwati vyari bigizwe n’amajana y’ibiti vy’inganzamarumbi igihe yari akiri muto, ariko ubu, nimba hari ibikiroho, hasigaye ibiri ku rushi.
Abwira BBC ati: "Mu bigwati bimwe bimwe, nta giti na kimwe ushobora gusangayo. Baravyicira ariko ntibiyumvira gutera ibindi”.
Ibi biti ku mugende w’uruzi Casamance bishobora kuba vyaciwe ku mvo z’urwubako nko kwubaka amazu canke guca amakara.
Diémé, ubu akaba akora nk’umuyobozi w’ishirahamwe ryo muri Espagne muri Casamance akaba kandi yigisha abantu ku buntu ibijanye n’uburimyi, ariteguye guhindura ivyo vyose.
Mu gihe ata mikoro manini afise, yatanguye kwegeranya uburyo kugira ngo ashobore gushika kuri iyo ntego yiwe – ubu amaze gukoresha 5000 vy’amadorari y’Abanyamerika akuye mu mufuko wiwe kugira ngo atanguye uwo mugambi wiwe.
Gukoresha ubushobozi bw’abagore

Ahavuye isanamu, Jo Hollis/BBC
Akora uko ashoboye kwose kugira ngo afatanye n’abanyagihugu mu karere kose cane cane akegera abagore, yiteze ko bashobora guhagurukira iki kibazo bagahimiriza abanyagihugu gutegura ingemwe.
Diémé ati: "Ugiye mu kigwati ugasanga nta mugore n’umwe ahari, ni akaga.
"Ariko ugiye mu kigwati ukahasanga abagore gusa, riba ari iparadizo – barakora cane kandi umusi wose imisi yose.
"Ushaka kurangura umugambi wawe neza, tangura ukorane n’abagore”.
Ico yakoze ni ugufatanya umugambi wiwe wo gutera ibiti no guha abagore ubumenyi mu vyo uburimyi kugira barime bimbure hanyuma bashore ivyimburwa vyabo ku masoko yabo.
Umwe muri aba bagore, , Safi Yetou , ati: "Tugitangura, ntitwari tuzi gutera imbuto n’ico twari gukora kugira ngo turime.
"Ubu dufise ubwoko bwose bw’ivyamwa dushora kw’isoko kandi ubu ntitukizera inze. Ubu twese turafise konte mw’ibanki kandi nta n’umwe ambwira ico nkora n’ico ntokora. Ni ibintu bihimbaye”.

Ahavuye isanamu, Jo Hollis/BBC
Umugambi wa Diémé uzwi kw’izina rya Ununukolaal, bisigura mu rurimi kavukire rwaho, Jola, ngo “Ibiti vyacu”.
Gushika ubu ubwoko 12 bw’ibiti biriko biraterwa, bivanye n’ivyo abanyagihugu mu karere kanaka bipfuza, hamwe n’ibikunze kuhamera.
Mu myaka itatu iheze, imivyaro irenga 142.000 niyo yatewe irakura.
Ibi bisigura ko hakenewe iyindi mivyaro myinshi cane itegerezwa guterwa niba koko Diémé yipfuza gushika ku ntego yiwe mu myaka itanu iri imbere – ariko we n’umugore wiwe Yolanda Pereñiguez nta bwoba bafise.
Umupfasoni Pereñiguez arabarira kandi akaba afise uruhara rudasanzwe mu kurondera uburyo, mu gushona udupira dushorwa cane cane hanze ku madorari 15 y’abanyamerika.
Ari kumwe na mugenziwe Raymonde Coly, bakorera mu kazu gatoya n’imashini zibiri zibarira, ku mpuzu bakaba bashonerako isanamu y’igiti ca baobab (igiti ndangashusho muri Senegal). Impuzu imwe imwe yose ikaba ishobora kwishura imivyaro 15 y’ibiti.
Periniguiz ati: "Nahisemwo baobab nk’ikimenyetso c’igiti ca Afrika.
“Ni vyiza kumenya ko utu dupira dushika kw’isi yose, i Bulaya mbere no muri Canada kugira dufashe muri uno mugambi wo gutera ibiti”.










