Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Rice, Cancelo, Silva, Lukaku, Milner, Odegaard, Zaha, Mane

Yatangajwe

Arsenal iriko irategura imiriyoni 92 z’amapawundi, igiciro kitari bwigere kibaho muri uno murwi, kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi wo hagati wa West Ham umwongereza Declan Rice w’imyaka 24. (Telegraph)

Bayern Munich nayo nyene iripfuza Rice mu gihe umumenyereza Thomas Tuchel ariko arondera kunagura igice co hagati. (Mirror)

Umumenyereza wa Arsenal Mikel Arteta ariko arihweza nimba yogura umukinyi w’inyuma wa Manchester City umunya-Portugal Joao Cancelo w’imyaka 28, yatijijwe muri Bayern Munich, ariko aba-Gunners bafise ubwoba ko City ishobora kutemera kubagurishako abakinyi muri iri ci. (Talksport)

Paris St-Germain iripfuza umukinyi wo hagati wa Manchester City umunya-Portugal Bernardo Silva w’imyaka 28, ku miriyoni 70 z’amapawundi inyuma y’aho inaniriwe kumugura mu ci riheze. (Telegraph)

Ibiganiro hagati ya Chelsea n’umusatirizi wayo, umubirigi Romelu Lukaku w’imyaka 30 kuri kazoza kiwe bizotegerezwa kubangira gushika inyuma y’aho Inter Milan, umurwi yatijijwemwo, izokinira na City mu rukino rwa nyuma rw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo, ligue des champions/Champions League, hazoba ari ku wa 10 Ruheshi (6). (Telegraph)

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp yemereye James Milner w’imyaka 37 yiteze gusezera uno murwi mu mpera z’uno mwaka w’inkino, ikibanza mu ruhande rw’ubumenyereza. (Mirror)

Manchester United yageze ku mwumvikano n’umukinyi w’inyuma wa Napoli umunya-Korea y’Epfo Kim Min-jae w’imyaka 26. (Il Mattino iciye kuri Metro)

Umukinyi wo hagati wa Arsenal umunya-Norvège Martin Odegaard w’imyaka 24, ariteguye gutera igikumu ku masezerano mashasha mu gihe ayo asanzwe afise azorangira mu 2025. (90min)

Umumenyereza wa Bayer Leverkusen Xabi Alonso avuga ko azobandanya amenyereza uyu murwi mu mwaka w’inkino uza n’aho agihanzwe amaso na Tottenham. (Sky Sports)

Umukinyi wo hagati wa Arsenal Albert Sambi Lokonga w’imyaka 23, ashobora kwimukira muri Burnley imenyerezwa na Vincent Kompany, uyu na we akaba yaramubereye umumenyereza mu Bubirigi, mu murwi Anderlecht. (Express)

Umusatirizi wa Crystal Palace umunya-Côte d'Ivoire Wilfried Zaha w’imyaka 30, ariko arihweza nimba yobandanya n’uyu murwi mu gihe amasezerano afitaniye na wo azorangira mu ci. (Talksport)

Barcelona igiye gusubira kugerageza kurondera umukinyi wo hagati wa Real Sociedad umunya-Espagne Martin Zubimendi w’imyaka 24, muri rino ci, inyuma y’aho vyankiye ko Arsenal imutwara mu kwa mbere ku giciro c’imiriyoni 53 z’amapawundi. (Express)

Umusatirizi wa Sénégal Sadio Mané w’imyaka 31 yipfuza kuguma muri Bayern Munich n’aho yarwanye n’umukinyi mugenziwe Leroy Sané mu kwa kane. (Fabrizio Romano)

Uwahoze ari umumenyereza wa Bayern Munich Julian Nagelsmann yari ku rutonde rw’abo Chelsea yarondera mu gusubiriza Graham Potter. (Times)

Nice, umurwi uri mu minwe y’umutunzi ruhebwa w’Umwongereza Sir Jim Ratcliffe w’ikompanyi Ineos, yabonanye na Potter kugira bavugane ingene yogenwa nk’umumenyereza wayo. (Foot Mercato - mu gifaransa)

Nantes iripfuza ko Patrick Vieira yahoze amenyereza Crystal Palace yoyibera umumenyereza mu gihe itomanuka mu cicaro ca kabiri. (L'Equipe – mu gifaransa)

Umukuru w’igisata kijejwe umupira w’amaguru muri Barcelona Mateu Alemany ariteguye kugumana n’uyu murwi inyuma y’aho ahinduriye umugambi wiwe wo kwimukira muri Aston Villa. (Mail)