Imero nshasha XEC ya Covid, itanguye gukwiragira

Umugore afise urupimo rugaragaza ubwandu bwa Covid (positif) yakoreye muhira

Ahavuye isanamu, Getty

    • Umwanditsi, Michelle Roberts
    • Igikorwa, Digital health editor, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Abantu batanguye kwandura umugera mushasha wa Covid ushobora gukwiragira, ugahinduka imero nshasha yawo ikwiye hose kurusha izindi, nk'uko bivugwa n’abahinga.

Umugera watanguye kuboneka mu gihugu c’Ubudagi mu kwezi kwa gatandatu, aho abarwaye imero ya XEC y’uwo mugera wa Covid bahavuye baboneka no mu Bwongereza, muri Amerika, Denmark n’ahandi henshi mu bindi bihugu bitari bike, nk’uko biboneka mu bakoresha urubuga rwa X rwahora rwitwa Twitter.

Uwo mugera uguma wihindura imero zishobora kuwufasha gukomeza gukwiragira muri kino gihe co kuva mu ci twerekeza mu gihe c’imbeho, n’ubwo incanco zishobora gufasha gutangiriza ko abagize ubwandu bakarirwa cane, nk’uko abahinga babimenyesha.

Incanco ubwazo zarahinduwe gushasha kugirango zijane no guhangana n’imero nshasha y’uyo mugera uheruka kwihindagura, ariko iyo nshasha ya XEC mu zakorewe incanco zihariye ntirimwo, kuko yadutse inyuma y’izindi mero za Covid zakorewe incanco, zo mu mugwi wa Omicron.

Francois Balloux, umwigisha akaba n’umuyobozi w’ikigo ca Genetics muri kaminuza University College London -UCL, yabwiye BBC ko n’aho XEC ifise amahirwe yo gukwiragira kurusha izindi mero za Covid zayibanzirije, incanco zihari zishobora gufasha gukinga neza iyo ngwara.

Dr Balloux yavuze ko bishoboka ko imero y’umugera ya XEC ishobora kuba ari yo izokwiragira kurusha izindi mu gihe c’imbeho.

Eric Topol, umuyobozi w’ikigo ‘Scripps Research Translational Institute’ muri California, yavuze ko imero ya XEC ‘ariho igitangura’.

"Kandi bizomara indwi zitari nke, canke amezi nk’abiri, imbere y’uko uwo mugera mu mero yawo nshasha, ushinga imizi ugatangura kurandagata, uko niko yabwiye ikinyamakuru LA Times

"XEC nta nkeka yaratanguye.

"Bisa n’aho ari yo mero igiye gukwiraragira.

"Ariko haracasigaye amezi imbere y’uko ishika ku rugero rwo hejuru."

Ibimenyetso vya XEC Covid ni ibihe?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ibimenyetso vyibazwa ko bisa n’ibisanzwe bwizwi biteye nk'ivyo akamangu nk’uko vyari kera:

  • gutwaza umucanwa (kugira ubushuhe bwinshi)
  • kubabara mu ngingo
  • uburuhe
  • inkorora no kubabara mu mihogo

Abantu benshi baca batora mitende iyo bamaze indwi nkeyi bafise Covid, ariko gukira burundu vyo bitwara igihe.

Imero y'umugera wa Covid XEC yararwiriranye cane mu Budagi, nk'uko umuhinga Mike Honey yabivuze aciye ku rubuga rwiwe rwa X

Ubu akamenyero ko kwisuzuma Covid karagabanutse cane ugereranije n'uko vyahora, ivyo bigatuma ibitigiri vy'abafise uwo mugera bitamenyekana neza.

Ikigo kijejwe gukingira umutekano abanyagihugu b'Ubwongereza ufatiye ku magara (UK Health Securityu Agency-UKHSA) kimenyesha ko ari ibisanzwe ku migera kuja irahindura imero.

Mu Bwongereza abashobora kwongerwa urucanco rwo kubakomereza ubudahangarwa ku buntu ni:

  • abakuze bari hejuru y'imyaka 65
  • ababa mu mazu acumbikiye abageze mu zabukuru
  • abamaze iminsi irenga amezi atandatu bari mu mugwi w'abashobora kubangamirwa n' uburwayi
  • bamwe mu bari imbere mu guhura n'abarwayi mu bakozi b'igisata c'amagara y'abantu NHS, abafasha mu bigo vy'abasaza canke mu yandi marerero yo muri sosiyete.

Urucanco nyamukuru rwo gukinga ibicurane na Covid ruzotangura gutangwa muri gitugutu (ukwezi kw'icumi) mu Bwongereza n'ubwo hari bamwe bashobora kururonka imbere.

Dr Gayatri Amirthalingam, icegera c'umukuru w'ikigo UKHSA yagize ati:" ni ibisanzwe kandi biritezwe ko imigera igenda ihindura imero.

“Urucanco nirwo rutanga uburyo bwiza bwo gukinga uburwayi bukomeye buturutse ku mugera wa Covid-19''.