Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Varane, De Gea, Ramsdale, Nketiah, Maignan, Sancho
Uwahoze ari umunyegori wa Manchester United n’umurwi nserukiragihugu wa Espagne David de Gea w’imyaka 33, ariteguriye kwinjira muri Newcastle mu gihe iriko iraraba ingene yomuronka kuri gusa kugira ngo akure igihengeri gisizwe n’imvune y’Umwongereza Nick Pope w’imyaka 31. (Telegraph)
Aaron Ramsdale asanzwe ari kumwe na Pope mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza ashobora kwihweza nimba na we nyene yokwimukira muri Newcastle, ariko aba ba Magpies barijijanya imitima ku giciro c’imiriyoni 50 z’amapawundi zisabwa na Arsenal kuri uno munyegori w’imyaka 25. (Talksport)
Erik ten Hag ntiyorohewe mu rugamba rwo kurondera kugumana icizere kuri bamwe mu bakinyi ba Manchester United inyuma y’urukino rwo ku wa gatandatu muri Premier League (ihiganwa ry’Ubwongereza) aho yatsinzwe na Newcastle 1-0. (ESPN)
Bivugwa ko Abakinyi ba Manchester United badatahura Ten Hag ku kungene ashaka gukinisha Umwongereza Jadon Sancho w’imyaka 23 akina ku ruhande n’ukungene amufata. (Sky Sports)
Newcastle na Manchester United ziriko zirarwanira kuzana mu kwa mbere kuza umusatirizi w’umunya-Guinea Serhou Guirassy w’imyaka 27 asanzwe akinira Stuttgart. (Football Insider)
Arsenal iriteguye kwumviriza imirwi yoza irondera umusatirizi w’umwongereza Eddie Nketiah w’imyaka 24 mu kwa mbere. (Football Transfers)
Umukinyi w’inyuma Raphael Varane w’imyaka 30 yahoze akinira umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa avuga ko yipfuza kubandanya akinira Manchester United inyuma y’igihe c’igura n’igurishwa ry’abakinyi mu kwa mbere kuza. (Manchester Evening News)
Manchester United, Arsenal na Chelsea zibandanya zikurikiranira hagufi umunyegori w’Ubufaransa Mike Maignan w’imyaka 28, mu gihe gushika ubu atarashaka gutera igikumu ku masezerano mashasha muri AC Milan. (Footmercato – mu gifaransa)
Bayern Munich iri mu rugamba rutoroshe rwo kurondera kugumana Umufaransa Mathys Tel w’imyaka 18, yipfuzwa cane n’imirwi itari mike yo muri Premier League. (Bild – mu kidagi)
Umusatirizi w’Umufaransa Jean-Philippe Mateta w’imyaka 26 ariko ararondera ingene yosezerera Crystal Palace mu kwa mbere kandi Eintracht Frankfurt yo mu Budagi ishobora kumucira inzira. (The Athletic)
Newcastle yateye intambwe za mbere mu rugamba rwo kurondera Umwongereza Kalvin Phillips w’imyaka 28 akina hagati muri Manchester City mu kwa mbere. (Rudy Galetti)
Juventus na yo nyene iripfuza uno mukinyi wo hagati Phillips yahoze akinira Leeds, kandi ishobora kugerageza kurondera ko yomuronka nk’intizo mu kwa mbere. (Metro)
Chelsea na Manchester City ziripfuza abakinyi batatu b’umurwi River Plate (wo muri Argentina), Claudio Echeverri w’imyaka 17 akina hagati, umusatirizi Agustin Ruberto w’imyaka 17, hamwe n’umukinyi wo ku ruhande Ian Subiabre w’imyaka 16, aba bose bakaba barateye iteka Argentina mw’ihiganwa riheruka ry’igikombe c’isi yose ku batarenza imyaka 17. (90Min)
West Ham, Burnley na Sheffield United ziriteguye kurwanira umukinyi w’inyuma wa Derby Umwongereza Eiran Cashin w’imyaka 22. (Teamtalk)
Akuma k’ubuhinga bwa none/k’ikoranabuhanga (microchip/ puce électronique/ circuit intégré) kazoshirwa imbere mu mipira izokoreshwa mw’ihiganwa ry’igikombe ca Bulaya mu 2024 (Euro 2024) kazofasha kwerekana nimba umukinyi azoba yakoresheje ukuboko imbere yo kwinjiza igitsindo, kongere kanafashe no kwerekana nimba umukinyi azoba yaraririye. (Times)
Everton iripfuza kugura mu kwa mbere umukinyi w’inyuma wa Irlande Jake O'Brien w’imyaka 22 asanzwe akinira Lyon yo mu Bufaransa. (Footmercato - mu gifaransa)