'Ni jewe nashitse i Kyiv, si Putin'- Biden mw'ijambo yaraye ashikirije

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mw'ijambo ryiwe yaraye ashikirije ku bijanye na poritike mpuzamakungu yiwe, Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika azosezera mu ndwi iza, arahayagiza umugambi wiwe wo gushigikira Ukraine mu ntambara yayo yo kwivuna Uburusiya.
Mw'iri jambo ryiwe, agira ati: "Igihe Putin yatera Ukraine, yibaza ko yari gushobora gufata Kyiv mu misi iri ku rushi. Ariko ukuri ni uko, kuva intambara itanguye, ni jewe jenyene nashitse ku mugwa mukuru Kyiv, si we. Putin ntiyigeze ahashika. Iyumvire ibi.
"Rwari urugendo rurerure na gari ya moshi ariko ni jewe mugaba w'ingabo jenyene nashitse mu karere k'intambara katari mu minwe y'ingabo za Amerika''.
Biden yarashitse ku mugwa mukuru Kyiv muri Ruhuhuma 2023, haciye hafi umwaka umwe Uburusiya butanguje intambara ku gihugu cose ca Ukraine.
Avuga ko urugendo rukiri rurerure ariko ko Amerika ifatanije n'incuti zayo bashoboye kubuza Putin gushika ku ntego yari afise.
Ati: "Twarafashije Ukraine guhagarika Putin. Inyuma y'imyaka hafi itatu ubu, Putin yarananiwe no gushika ku ntego n'imwe nyamukuru yari afise.
"Ntiyashoboye kwiganzira Ukraine. Ntiyashoboye gusambura ubumwe bwa OTAN. Kandi ntiyashoboye kwigarurira ubutaka bunini. Ariko igikorwa ntikirarangira, ntidushobora kugihagarikira ngaha.
"Twarashoboye gushira hamwe ibihugu 15 mu gushigikira Ukraine, atari i Bulaya gusa, ariko no ku mugabane wa Bulaya ku ncuro ya mbere kubera vyari ngombwa ko ivyo bihugu bimenya ko ibiriko bibera muri Ukraine bibiraba na vyo nyene.
Perezida Biden aragaruka ku mfashanyo y'ibirwanisho n'ibindi bikoresho vya gisirikare reta yiwe yahaye Ukraine, akishimira ko vyashoboye gutuma iki gihugu kibandanya urugamba rwo kwivuna Uburusiya.
Ati: "Twaratanze ibikoresho vyo kwivuna ibitero vyo mu kirere, amasasu atari make, dufata ibihano bitari bike kugira ngo Ukraine ibandanye urugamba. Ubu Uburusiya buri mu ngorane zo gusubiriza ivyo butakaza ku rubuga rw'intambara, haba mu bikoresho vya gisirikare canke mu barwanyi, mu gihe ifaranga ryabwo, rouble, riri mu ngorane zidasanzwe".
Biden avuga ko yashitse ku ntego ziwe zibiri yari afise igihe Putin yatanguza iyi ntambara, nazo, nk'uko abivuga mw'ijambo ryiwe, zikaba zari "ugushira hamwe amakungu tugakingira Ukraine, hamwe no kuzibira kugira ngo ntihaduke intambara ya nikleyeri hagati y'ibihugu bibiri rutura vya nikleyeri".
Arangiza ijambo ryiwe kuri Ukraine avuga ko ivyo yakoze bizotuma intwaro yimirije ishobora kubandanya ishigikira Ukraine.
"Uno musi, Ukraine iracigenga nk'igihugu cikukiye, kandi kikaba gifise n'icizere ca kazoza keza. Twarubatse umushinge w'ubutegetsi buri imbere kugira ngo bushobore gukingira kazoza k'abanyagihugu ba Ukraine".
Ku wa 20 Nzero (1), umurepubulika Donald Trump yitezwee gushikirizwa amabanga nk'umukuru w'igihugu mushasha wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mu gihe yamaze kwerekana ko afise intego zitandukanye ku bijanye n'intambara y'Uburusiya na Ukraine.
Trump avuga ko azokwihutira kugarukana amahoro kandi akaba yiteguriye kuja mu biganiro na Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya.
Nk'uko bivugwa n'ikigo Kiel Institute for World Economics, kuva intambara ku gihugu cose itanguye gushika muri Gitugutu (10) 2024, imfashanyo Amerika yari imaze kurungikira Kyiv yarenga imiriyaridi 88 z'amadorari y'Abanyamerika, mu gihe Ukraine yaronse canke yategerezwa kuronswa imiriyaridi zababa 123 z'amadorari zivuye i Bulaya.
Abarepubulikani benshi baranegura ingingo ya Biden yo kurungikira Ukraine igifyo c'imfashanyo, bakamwagiriza ko yatumye ibintu vyunyuka muri iyi ntambara, bavuga ko yahatswe guteza intambara ya gatatu y'isi yose.
Bamwe mu bahinga ba Ukraine n'abo mu burengero bobo babibona ukundi, bakemeza ko Biden yerekanye ukwiyubara cane, kandi ko kubera yatinya guteza intambara itaziguye n'Uburusiya, atarungikiye Kyiv imfashanyo yose y'igisirikare yari ikenewe mu gihe nyaco.
Abashigikiye poritike yiwe bavuga ko ingingo iyo ari yo yose ya Maison Blanche/White House yo kurungikira igisirikare ca Ukraine ibirwanisho bishasha, vyaba ibikoho vya muzinga vyo kurasa ibisasu vyo mu bwoko bwa HIMARS, ibimodoka bitamenwa n'amasasu asanzwe, indege z'intambara zo mu bwoko bwa F-16, yamara igihe kirekire kugira ngo ije mu ngiro.










