Kenya: Hari impungenge ku buzima 'bw'abasahuye ubumara' mu modokari yatemvye

Ahavuye isanamu, Nema Kenya/X
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga
- Igikorwa, BBC News, Nairobi
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Abategetsi bo muri Kenya bateye akamo ababishoboye ko gufasha kurondera imizigo irimwo ubumara bukaze cane, yibwe ivanwa mu modokari yatembagariye hafi y'umugwa mukuru, Nairobi.
Cyanide de Sodium ni ubumara bukomeye cane, bushobora kwica buciye mu kanwa canke mu bihimba vy'ubuhumekero kandi ku rugero rutoya, nk'uko bivugwa n'abajejwe amagara y'abantu, aho bongerako ko bishobora gutera n'ikibazo gikomeye ku bidukikije.
Si ubwa mbere bishika muri Kenya ko amakamyo yibwa inyuma yo gutembagara kubera amasanganya.
Inyuma yo gutembagara kuwa gatandatu, bimwe mu biboho vyari muri iyo kamyo vyatwarwa n'abantu baciye biruka kuraba iryo sanganya.
Leta yahamagariye abantu kwirinda kwegera ico kibanza, kiri ahantu haca abantu benshi kw'ibarabara rikuru rya Nakuru, mu gihe ubuserukizi bwa leta zunze Ubumwe za Amerika bwagiriye inama abantu babo kuhazibukira.
Iryo sanganya ryabereye ku birometero 35 uvuye Nairobi, bituma biseseka mw'ikaburimbo.
Ntibiramenyekana neza na neza ingene iyo kamyo yatenvye.
Abategetsi ntibamenyesheje kandi uko umushoferi yari atwaye iyo kamyo amerewe.
Igisata kijejwe gukingira ibidukikije cagabishije abanyagihugu guca bamenyesha bidatevye igipolisi kibegereye, mu gihe bobona na rumwe muri ivyo bitekero vy'ubumara vyibwe.
Ico kigo kimenyesha kandi ko n'abantu bahawe imburi ko batohirahira ngo begere namba, ubwo bumara buboneka mu mizigo nk'utuntu tw'udutete.
Ubushikiranganji bujejwe amagara y'abantu muri Kenya bumenyesha ko ubwo bumara bubwirizwa gukorwako n'abantu bafise imyambaro yo kwikingira.
Cyanide de Sodium yankiriza ubushobozi bw'umubiri bwo gukoresha umwuka wa Oxygene, ibishobora gutuma umuntu acikana vuba vuba, mu gihe amize ubwo bumara.
Ibimenyetso birimwo kumeneka umutwe, kuzungurirwa, guhema umuntu adashikana, iseseme, kudahwa no kurazirana.
Cyanide de Sodium ishobora guhumanya ubutaka ndetse n'amazi yo munsi y' ubutaka, nk'uko bivugwa n'ubushikiranganji bw'amagara y'abantu.
Ubwo bushikiranganji bumenyesha kandi ko ubwo bumara bushobora kumara igihe kinini cane mw'isi, ku buryo ibihamera vyose n'ibindi binyabuzima bimara imyaka n'iyindi bihumana, uko kimwe cose kigenda kirya ikindi.
Ubumara bwa Cyanure de Sodium burakoreshwa kandi mu guhindura imero y'isi, mu birombe vy'izahabu n'ubundi butare, ndetse no gukora ibindi bijanye n'ubutabire, nk'uko bimenyeshwa n'ikigo ca Leta zunze Ubumwe za Amerika kijejwe kubungangabunga aho abantu babaye n'amagara yabo.
Ibigo vy'itangazamakuru bimenyesha ko n'aho hari abantu batwaye ibiboho vyarimwo ubwo bumara, hari abandi baje begera bitwaje amabido, ariko basanze ata kiriyo cobagirira akamaro bashobora gusahura, baca baritahira.













