Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Ronaldo, Raphinha, De Jong, Tielemans, Neves, Gnabry, Dembele
Umuyobozi nshingwabikorwa wa Manchester United Richard Arnold ariko arakora uko ashoboye kugira ngo yumvishe umusatirizi wa Portugal Cristiano Ronaldo w’imyaka 37, guhagarika ivyo kurondera kuva muri uno murwi. (Times)
United kandi yagiranye ibiganiro na Stuttgart kugira irabe ko yoronka umusatirizi wa Autriche Sasa Kalajdzic w’imyaka 25. (Sky Germany – mu kidagi)
Barcelona yemeye igiciro c’imiriyoni 65 z’amapawundi zisabwa na Leeds United ku mukinyi wo ku ruhande wa Brezili Raphinha w’imyaka 25, ubu uyu murwi wo muri Espagne ukaba urajwe ishinga no kugurisha umukinyi wayo wo hagati, umunya-Hollande Frenkie de Jong w’imyaka 25 muri Manchester United.(Mirror)
Chelsea isa n’iyiri inyuma ya Barcelona mu rugamba rwo kugura Raphinha, aba-Blues bakaba bashobora guca bavuvudikira umusatirizi wa Bayern Munich umudagi Serge Gnabry w’imyaka 26. (Mail)
Umukinyi wo hagati wa Leicester City umudagi Youri Tielemans w’imyaka 25, hamwe n’umunya Portugal akina hagati muri Wolves Ruben Neves w’imyaka 25, bari ku rutonde rw’abo Manchester United ishobora kwikorako mu gihe itoronka De Jong. (Talksport)
Brentford iri hafi yo kuronka umwongereza akina ku ruhande mu murwi nserukiragihugu w’abatarenza imyaka 21 Keane Lewis-Potter w’imyaka 21 ku miriyoni 16 z’amapawundi avuye muri Hull City. (Athletic)
Brentford kandi irizeye ko izotsinda Manchester United mu rugamba rwo kurondera umunyegori wa Albania, Thomas Strakosha w’imyaka 27 asanzwe yirebanga. (Mail)
Amasezerano y’umusatirizi w’umufaransa Ousmane Dembele w’imyaka 25 mu murwi Barcelona arangira muri rino ci, ariko akaba yiteze gutera igikumu ku masezerano mashasha azotuma abandanya akina muri Nou Camp gushika mu 2024. (Marca)
Wolves yanse igiciro c’imiriyoni 25 z’amapawundi zitangwa na Everton ku mwongereza akina hagati Morgan Gibbs-White w’imyaka 22. (Mail)
Everton kandi iripfuza umwongereza akina hagati Conor Gallagher w’imyaka 22, ariko Chelsea izovyihoza gushika mu mpera z’iri ci imbere y’uko ifata ingingo kuri kazoza kiwe. (The i)
Fulham imaze kuvugana na Tottenham mu kurondera kugura umukinyi w’inyuma wa Pays de Galles/Wales Joe Rodon w’imyaka 24. (Football Insider)
Fulham iri mu biganiro bigeze kure mu rugamba rwo kugura umukinyi w’inyuma, umuswisi Kevin Mbabu w’imyaka 27, asanzwe akina mu murwi w’Ubudagi wa Wolfsburg mu masezerano y’imiriyoni zitanu. (Evening Standard)
Sevilla iripfuza umukinyi w’inyuma ku ruhande rw’ibubamfu wa Tottenham umunya-Espagne Sergio Reguilon.(Mail)
Arsenal yemeye gutanga imiriyoni 5.9 z’amapawundi ku mukinyi w’inyuma ku ruhande rw’ibubamfu wa Benfica umunya-Espagne Alex Grimaldo w’imyaka 26, inyuma y’aho umunya-Ecosse Kieran Tierney amariye iminota 30 yonyene mu kibuga asubiriye gukina inyuma y’imisi yari amaze yaravunitse. (Star)
Juventus na Roma yerekana ko yipfuza umukinyi wo hagati wa Arsenal Lucas Torreira inyuma y’aho Fiorentina ifatiye ingingo yo kutagura uyu munya-Uruguay w’imyaka 26 yari amaze umwaka w’inkino akina muri uno murwi wo mu Butaliyano yari yaratijijwemwo. (Evening Standard)