Somalia yategetse guhagarika imbuga hwaniro za TikTok na Telegram

Yatangajwe

Igihugu ca Somalia catangaje ihagarikwa ry'imbuga hwaniro za Tiktok na Telegram n'urubuga ngurukanabumenyi 1XBet bakinirako akamari.

Leta ivuga ko izo mbuga hwaniro zikoreshwa ''n'imirwi y'iterabwoba n'iyindi mirwi yagirizwa gukwirakwiza ubusambanyi... gukwirakwiza video, amafoto n'ibindi bicapo vyo kuzimiza abanyagihugu".

Bije mu gihe Somalia yatangaje umugambi ukomeye wo guhasha mu mezi atanu ari imbere, umurwi w’abarwanyi wa al-Shabab, ukigenzura ibice vyinshi vy’igihugu.

Mw'itangazo ryashikirijwe n'umushikiranganji ajejwe gutanga amakuru n'ubuhinga bwa none, yavuze ko abatanga imirongo ya internet basabwe gushira mu ngiro ihagarikwa ry'izo mbuga hwaniro kw'itariki ya 24 z'ukwezi kw'umunani canke bafatirwe ibihano bitavuzwe ivyi ari vyo.

Mu nama iherutse kubera ku murwa mukuru Mogadiscio ku bijanye n'umutekano wa internet n'imbuga hwaniro, harashizwe ahabona ingaruka mbi z'izo mbuga ngurukanabumenyi ku rwaruka, harimwo no ''gutakaza ubuzima bwa bamwe bamwe''.