Filime ivuga ku mukobwa w'umuhanuzi Muhammad yahagaritswe mu Bwongereza

Yatangajwe

Ikigo cerekana za filime co mu Bwongereza, Cineworld, cahagaritse kwerekana mu mazu ya filime (cinema) yaco yose muri ico gihugu filime ivuga ku mukobwa w'umuhanuzi w'idini rya Islamu, Muhammad, nyuma y'imyiyerekano yadutse hanze y'ama-cinema amwe amwe.

Ico kigo ca cinema cavuze yuko cafashe iyo ngingo "ku bw'umutekano w'abakozi n'abakiriya bacu".

Abantu barenga 120.000 bashize umukono ku nyandiko isaba ko filime yitwa The Lady of Heaven (Umudamu w'Ijuru) itokwerekanwa muri za cinema zo mu Bwongereza.

Ihuriro ry'imisigiti, The Bolton Council of Mosques, ryavuze ko iyo filime ari sakirirego kandi irimwo amacakubiri afatiye kw'idini.

Ariko umukenguzamateka Baroness Claire Fox yavuze ko iyo ngingo "ari icago ku bugenegene kandi ikaba ari mbi cane ku bwigenge bwo gushikiriza iciyumviro".

Nayo umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe amagara y'abantu, Sajid Javid, yavuze yuko "atewe umwitwarariko cane n'umuco wo kwiyamiriza uriko uragwirirana" mu Bwongereza.

Iyo filime yakuwe mu bigo vya cinema vy'ikigo Cineworld nyuma y'amakuru y'imyiyerekano mu miji wa Bolton, Birmingham na Sheffield.

I Bolton, abantu barenga ijana bagize imyiyerekano hanze ya cinema, nk'uko vyatangajwe n'ikinyamakuru caho, Bolton News.

Mu butumwa bwa email bugenewe Cineworld bwashizwe ahabona na Bolton News, umukuru w'urwego Bolton Council of Mosques, Asif Patel, yavuze ko iyo filime "irimwo ingengabitekerezo y'amacakubiri afatiye ku dini" kandi yuko "ivuga ukutari ko kahise k'idini ikanasuzuguza icubahiro Islamu ihabwa n'amateka yayo".

Igitangazamakuru cegamiye idini rya Islamu co kuri internet, 5Pillars, catangaje kuri Twitter amafoto y'abo cavuze ko ari aba-Islamu 200, bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza iyo filime imbere y'inyubakwa ya Cineworld i Birmingham ku munsi wa Mungu.

Video yahanahanywe kuri internet isa n'iyerekana umuyobozi w'inyubakwa ya Cineworld i Sheffield ariko arabwira abari mu myiyerekano ko iyo filime yahagaritswe kwerekanwa, nk'uko bitangazwa n'ikinyamakuru Guardian.

BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga

Umuhinguzi mukuru (executive producer) ari mu bateguye iyi filime, Malik Shlibak, yabariye BBC ko abari mu myiyerekano bigenza "nk'amabandi arenganya abandi, bakisuka muri za cinema banatera ubwoba abahakora".

"Ibi ni ibintu bitari bikwiye kwihanganirwa mu Bwongereza", nk'uko yabandanije avuga, aca agabisha yuko guhagarika kwerekana iyi filime bizoha ingoga abakoresha ukwiyamiriza nk'uko muri kazoza.

Yabandanije agira ati "ibi birarengeye filime. Uno munsi hifatiwe mu gahanga filime Lady of Heaven, ejo harashobora kwiyamirizwa ikindi kigushika ku mutima kurusha".

Yavuze kandi yuko abakora imyiyerekano batazoshobora kubuza kubaho kw'iyi filime.