Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Beni: iminsi 3 inyuma y’igitero, bari bagihamba abo batoraguye aho biciwe
Beni: iminsi 3 inyuma y’igitero, bari bagihamba abo batoraguye aho biciwe
Yatangajwe
Igitero cabaye k’umutaga wo ku wa gatanu (07-06-2024) mu bice vya Masala, Mapasana na Mahini muri ‘territoire’ ya Beni, cononye vyinshi.
Leta ya RD Congo ivuga ko hapfuye abantu 41, ariko ababa i Beni bavuga ko barenga kuko abantu baticirwa mu ngo gusa.
Leta yacagirije umuhari ADF w’abarwanyi b’intagondwa zo mw’idini rya Islam.
Ni mu gihe ubutegetsi bwa Uganda bwaheruka kugabisha ko bufise amakuru y’abo bagwanyi bariko bavugwa muri ivyo bice, k’urubibe.