Beni: iminsi 3 inyuma y’igitero, bari bagihamba abo batoraguye aho biciwe

Insiguro ya video, RD Congo: muri Beni, hari amakuru avuga ko mu ndwi ya 3-9/06, hoba hishwe abashika 80.
Beni: iminsi 3 inyuma y’igitero, bari bagihamba abo batoraguye aho biciwe
Yatangajwe

Igitero cabaye k’umutaga wo ku wa gatanu (07-06-2024) mu bice vya Masala, Mapasana na Mahini muri ‘territoire’ ya Beni, cononye vyinshi.

Leta ya RD Congo ivuga ko hapfuye abantu 41, ariko ababa i Beni bavuga ko barenga kuko abantu baticirwa mu ngo gusa.

Leta yacagirije umuhari ADF w’abarwanyi b’intagondwa zo mw’idini rya Islam.

Ni mu gihe ubutegetsi bwa Uganda bwaheruka kugabisha ko bufise amakuru y’abo bagwanyi bariko bavugwa muri ivyo bice, k’urubibe.

RD Congo: muri Beni, hari amakuru avuga ko mu ndwi ya 3-9/06, hoba hishwe abashika 80.
Insiguro y'isanamu, Muri Beni, hari amakuru avuga ko mu ndwi ya 3-9/06, hoba hishwe abashika 80.