Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Kylian Mbappé avuga ko ata ngingo arafata kuri kazoza kiwe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umusatirizi wa Paris St-Germain Kylian Mbappé w’imyaka 25 avuga ko ata cemezo arafata kuri kazoza kiwe.
Amasezerano y’uno kizigenza w’umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa muri uno murwi ufise igikombe c’ihiganwa ry’Ubufaransa Ligue 1 azorangira mu ci riza, mu gihe asanzwe aronderwa cane na Real Madrid, Liverpool na yo nyene ikavugwa ko yinjiye mu rugamba.
Mu kwa gatandatu, Mbappé yabwiye PSG ko atazokwongereza ikiringo c’uwundi mwaka mu masezerano yiwe.
Mbappe yinjiye muri PSG mu 2017, ubwa mbere nk’intizo avuye muri Monaco, imbere y’uko yimuka burundu aguzwe imiriyoni 180 z’ama-euro.
Yari yiteguye kwimuka ku buntu mu mpera z’umwaka w’inkino wa 2021-22 ariko akaba yaciye atera igikumu ku masezerano y’imyaka ibiri, harimwo n’ugushobora guhitamwo kwongereza ikindi kiringo c’uwundi mwaka umwe.
Ariko, inyuma y’aho Mbappé abwiriye PSG ko atazokwemera ayandi mezi 12 yokwiyongera ku masezerano yiwe, ntiyashizwe ku rutonde rw’abakinyi bategerezwa kuja mu rugendo rwo mu Buyapani rwo kwitegurira ihiganwa rishasha mu ci riheze.
Mu nyuma yahavuye ananka no kubonana n’abaserukira umurwi Al-Hilal wo mw’ihiganwa Saudi Pro League ryo muri Arabia Sawudite, wari wemeye kumutangako imiriyoni zirenga 328 z’amadorari y’Abanyamerika, aho yari kuba ari we mukinyi wa mbere yari kuba aguzwe amahera menshi.
Mu nyuma, uno musatirizi yahavuye asubira kwifatanya n’abandi bakinyi mu myimenyerezo inyuma y’ico PSG yavuze ko vyabaye ibiganiro “vyubaka kandi vyiza cane”.
Mbappé yaranse kwimukira muri Real Madrid igihe atera igikumu ku masezerano ya kino gihe na PSG mu kwa gatanu 2022 ariko kumbure ko ubu ntazosubira guteba gufata icemezo ku migambi yiwe nk’uko vyagenze ico gihe.
Hagati aho, umumenyereza wa Barcelona Xavi Hernandez avuga ko uno murwi w’aba-Catalan ata bushobozi ufise bwo kwihanga abakinyi nka Mbappé kubera ibibazo vy’amafaranga biwuhanze.
Xavi ati: "Ntegerezwa gukoresha abakinyi nsanzwe mfise kubera muri kino gihe ata bushobozi dufise bwo kwiyumvira kugura abakinyi nk’aba.
"Ku gihamana kibi, ntituri mu bihe vyiza mu bijanye n’ubutunzi. Nisanze mfise abakinyi mfise, kandi ni ngombwa ko dutsinda dukoresheje aba nyene”.
Ayandi avugwa: Firmino, Onana, Sancho, Scalvini, Gallagher, Toney

Ahavuye isanamu, Getty Images
Fulham iri mu mirwi yo muri Premier League (ihiganwa ry’Ubwongereza) yahawe amahirwe yo kuronka uwahoze ari umusatirizi wa Liverpool Roberto Firmino w’imyaka 32 yipfuza gusezera Al-Ahli yo muri Arabia Sawudite. (Talksport)
Brentford yashinze igiciro c’imiriyoni 100 z’amapawundi ku murwi woza urondera umusatirizi wayo, umwongereza Ivan Toney, mu gihe Chelsea iriko yihweza ingene yogurisha abakinyi kugira ngo yegeranye amahera maze ishobore gusitana na Arsenal mu rugamba ro kurondera uno mukinyi w’imyaka 27 muri uku kwa mbere. (Independent)
Arsenal yavuganye n’umukinyi wo hagati wa Everton Umubirigi Amadou Onana w’imyaka 22. (Teamtalk)
Aba ba-Gunners kandi bariko bitegura kugura umukinyi w’inyuma wa Ajax umunya-Hollande Jorrel Hato w’imyaka 17. (Telegraph)
Amasezerano ya Borussia Dortmund yo gusubirana Umwongereza Jadon Sancho w’imyaka 23 akina ku ruhande mu murwi Manchester United azotegerezwa kwongerwamwo igice kivuga y’uko ishobora no kuzomugura burundu ku miriyoni 25 z’amapawundi. (Football Insider)
Atalanta yashinze igiciro c’imiriyoni 51.7 z’amapawundi ku murwi woza urondera umukinyi wayo w’inyuma, Umutaliyano Giorgio Scalvini w’imyaka 20, asanzwe aronderwa na Manchester United. (Metro)
Umwongereza Conor Gallagher w’imyaka 23 akina hagati muri Chelsea aripfuza kubandanya akinira uno murwi n’aho hari amakuru avuga ko ashobora kwimukira mu wundi. (Mirror)
Ariko umunya-Brezili Thiago Silva w’imyaka 39 akina inyuma muri Chelsea azohabwa akaryo ko gusubira mu murwi Fluminense yahoze akinira, mu ci riza. (Mirror)

Ahavuye isanamu, Reuters
Manchester United nta mugambi ifise wo kwongereza amasezerano ifitaniye n'umusatirizi wayo, Umufaransa Anthony Martial w'imyaka 28, akaba yiteze kuva muri uno murwi ku buntu mu ci riza. (ESPN)
Crystal Palace iriko irategura amasezerano yoha umukinyi w’inyuma wa Peterborough United, Umwongereza Ronnie Edwards w’imyaka 20. (Evening Standard)
Umunya-Hollande Jeremie Frimpong w’imyaka 23 akina inyuma ku ruhande muri Bayer Leverkusen abandanya avugwa ko ashobora kugenda, ariko uno murwi wo mu Budagi nta mugambi ufise wo kumugurisha muri uku kwa mbere. (Fabrizio Romano)
Aston Villa iriteguye gutangura ibiganiro ku masezerano mashasha n’umunya-Jamaica Leon Bailey w’imyaka 26 akina ku ruhande, agashobora kuba umwe mu bakinyi bazoba bahembwa amahera menshi cane gusumba abandi muri uno murwi. (Mail)
Paris St-Germain yabonetse ko ari yo ifata iya mbere mu rugamba rwo kurondera kugura umunyegori wa Manchester United Umwongereza Mary Earps w’imyaka 30. (Evening Standard)
Bayern Munich iriko irakurikiranira hagufi umukinyi w’inyuma wa AC Milan Umwongereza Fikayo Tomori w’imyaka 26. (Sky Germany)










