Burkina Faso : Uwatembagaje ubutegetsi agiye kurongora igihugu vy’imfatakibanza

Yatangajwe

Intwazangabo ya gisirikare irongoye ingabo ziherutse gutembagaza ubutegetsi muri Burkina Faso yagenywe kuba umukuru w’igihugu gushika mu kw’indwi 2024.

Inama nkuru y’igihugu yaraye itangaje ko Kapiteni (Capt) Ibrahim Traoré atazokwemererwa kwitoza mu matora ategekanijwe ico gihe.

Haciye indwi zibiri yatse ubutegetsi Liyetena-Jenerali (Lt-Gen) Paul-Henri Damiba, nawe nyene yari yashitse ku butegetsi mu kwa mbere atembagaje ubwahahora, akagiriza reta ico gihe ko yari yananiwe no kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam.

Hagati aho, ibintu vyabandanije biyangara kuva uyu mu Jenerali afashe ubutegetsi, bituma na we  rero abogozwa na Capt Traoré ku nguvu.

Capt Traoré ni we ntwazangabo aherutse gushikira ubutegetsi vuba atembagaje ubwahahora mu rukurikirane rw’itembagazwa ry’ubutegetsi rurangwa mu bihugu vyahoze bitwarwa gikoloni n’Ubufaransa muri Afrika y’Uburengero.

Bivanye n’uko ata nzego za demokarasi zikomeye muri ico gihugu, aho ingabo zimaze igihe kinini ziganje, Capt Traoré yarafashe ubutegetsi yiyemeza kugarukana umutekano mu gihugu kirangwamwo ubwoba bw’inyeshamba.

Itembagazwa ry’ubutegetsi yakoze - irya kabiri muri Burkina Faso mu gihe kitarenga amezi icenda - ni co kimenyetso ca nyuma c’ikiza karanda c’ama coups d’Etat umunyamabanga mukuru wa ONU António Guterres yashikirijeko impungenge mu 2021.

Ico gihe, Guterres yavuze ati: “Ico nsaba, neza neza - cane cane ibihugu vya rutura – ni uko bija hamwe ku neza y’ubumwe bw’Inama nkuru ijejwe umutekano kw’isi bigahagarika aka karanda k’ama coups d’Etat”.

Ariko rero kubera ibihugu bikomeye kw’isi birajwe ishinga n’ibibera mu bihugu vyabo  - canke kandi n’intambara yo muri Ukraine – ntivyitayeho cane umutekano muke urangwa mu bihugu nka za Burkina Faso.