Burkina Faso: 'Gutevya ibintu mu biro ntibizosubira'- Capt Traoré

Yatangajwe

Natasha Booty

BBC News

Umukuru mushasha wa Burkina Faso  , Capt Ibrahim Traoré, yasavye abashikiranganji “gukora bihuta” kugira batore inyishu z’ibibazo “vyihuta” bihanze igihugu birimwo umutekano muke uterwa n’abagwana biyitirira idini rya Islam (islamists).

Umugabo yatembagaje ku wa gatanu yemeye kuva ku butegetsi nk’uko abarongozi b’amadini babivuze.

Bavuze ko  Capt Traoré yemeye ugutanga imihoho(ukwegura)  kwa  Lt Col Paul-Henri Damiba hamwe n’ivyo yasavye.

Yagiye muri Togo, nk’uko bivugwa n’umuvugizi wa reta y’ico gihugu.

Mu majwi yahanahanywe cane ku mbuga hwaniro, Lt Col Paul-Henri Damiba yavuze ko yifurije umutegetsi mushasha wa Burkina Faso kuroranirwa muri vyose. Ntibiramenyekana niba yari wenyene igihe ayo majwi yafatwa.

Ku wa mungu, Capt Traoré yavuze ko iguhugu gihanzwe n’ibibazo vyihuta mu bisata  vyose, ”kuva ku mutekano gushika ku kwivuna abansi, amagara y’abantu, ibikorwa vy’imibereho y’abantu,  gushika ku bikorwa remezo”, ko rero hari hageze ko reta ”iheba inzira nende zo mu biro zidakenewe”.

Ashaka inyishu zihuta ku bibazo bikomeye, ico bamwe babona nko gushaka kwerekeza ku Burusiya.

Ubufaransa n’Uburusiya biri mu rugamba rwo kurushanya kugira ijambo mu bihugu vyinshi vyahoze bitwawe gikoroni n’Ubufaransa muri Afrika y’uburengero n’iyo hagati.

Mu mpera z’indwi, ibibanza vy’inyungu z’Ubufaransa vyaratewe, inyuma y’aho bivugiwe ko Lt Col Damiba yahungiye mw’ikambi ya gisirikare y’Ubufaransa ku murwa mukuru, Ouagadougou.

Ubufaransa bwavuze ko ico cari igikorwa c’abantu batabwerekwa bari mu myiyerekano ‘bahenzwe n’isekeza ry’amakuru atariyo ryo kuturwanya’.

Bamwe muri Ouagadougou  baririmvye ivyivugo bishigikira Uburusiya bazungagiza n’amabendera y’Uburusiya igihe bariko bararamutsa umutegetsi wa gisirikare mushasha n’urukurikirane rwiwe ku wa mungu.

Abona Ubufaransa nk’ubushigikiye uwo yatembagaje, kandi yamenyesheje ko yiteguriye gukorana n’impande nshasha mu guhangana n’ikibazo c’abagarariji bitwaza idini rya Islam, ivyo abaraba ibintu n’ibindi babona ko vyoba bisigura guha akazi abacangero b’abarusiya.

Bene abo bacangero ba gisirikare bivugwa  basanzwe bariko barakora mu gihugu kibanyi ca Mali inyuma y’aho ingabo z’Ubufaransa ziviriyeyo bitumwe n’ukutumvikana hagati y’Ubufaransa n’abategetsi ba gisirikare ba Mali.

Abo barusiya bagirizwa gukora amahano no kwica abanyagihugu  basanzwe, ivyo Uburusiya bwagumye buhakana.

Umukuru w’iyo kompanyi y’abo bacangero b’abarusiya Wagner, Yevgeny Prigozhin, yarashimye ko zahinduye imirisho muri Burkina Faso.

Hagati aho reta y’Uburusiya yavuze ku wa mbere ko “yifuza ko ibintu muri Burkina Faso vyosubira kuba ibisanzwe vuba hashoboka”.

Lt Col Damiba yatanze imihoho yemerewe iki?

Burkina Faso igenzura ibice 60% gusa vy’igihugu, nk’uko abahinga babivuga, mu gihe intureka y’abagwana biyitirira idini rya Islam iguma irushiriza gukomera.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryasavye ko ubutegetsi bwosubira kugengwa n’ibwirizwa shingiro bitarenze mu kwezi kw’indwi mu 2023, aho rikaba rihahuriza n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’uburengero (ECOWAS/CEDEAO)  ko ikurwa rya  Lt Col Damiba riteye kubiri n’ibwirizwa shingiro.

Ariko mu nyuma CEDEAO yakeje impande zose muri Burkina Faso kuba zarumvikanye kugira ibibazo  bitorerwe inyishu mu mahoro” kuko iminsi yo kugwanira ubutegetsi yarangiye ata maraso asesetse.

Lt Col Damiba ku wa mungu yaratanze imihoho nawe ubutegetsi  bushasha bumwemerera kwubahiriza ibintu indwi – harimwo gukingira umutekano wiwe n’uw’umuryango wiwe, umwumvikano w’uko habandanywa umugambi wo kunywanisha abanya-Burkina Faso hamwe no kwubahiriza kwiyemeza gusubiza ubutegetsi mu minwe y’abanyagihugu basanzwe (civil) mu kiringo c’imyaka ibiri.   

Uwo mu colonel nawe yari yatembagaje prezida Roch Kaboré mu kwezi kwa Nzero (1), avuga ko yananiwe no gutora inyishu z’ikibazo c’umutekano.

Benshi muri Burkina Faso bamaze igihe ata mutekano bumva bafise.

Ubugarariji bw’abitwaza idini rya Islam bwadutse mu 2015, hapfa ibihumbi  abandi bagereranywa muri miriyoni zibiri barata ingo zabo.

Ibaye coup d’etat igira icenda muri Burkina Faso kuva ico gihugu cikukiye ku Bufaransa mu 1960.