Sudan: igice ca El Fasher kiberamwo intambara

Sudan: igice ca El Fasher kiberamwo intambara
Yatangajwe

Ntivyoroshe na gato kumenya ibibera mu gasagara El Fasher ka Sudan, intambara zerúye.

Ishirahamwe MSF ryamenyesheje ko abaharurwa mu majana bapfuye mu minsi 10.

Igisirikare ca leta, na cane cane umugwi RSF wa gisirikare, babandanya intambara zibica bigacika.

BBC yashoboye gushikira amakuru make cane, amwe y’amashirahamwe afasha, bose bavuga ko ibintu bimeze nabi cane.