Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'imvano: Denise Bucumi Nkurunziza arabaganirira ku buzima bwiwe
Mu kiganiro c’Imvo n’Imvano co kuri uyu wa 01/04/2023 turaganira n’umupfasoni Denise Bucumi Nkurunziza, bamwe bita “mama Buntu”. Madamu Nkurunziza ni umupfasoni w’umuhisi Pierre Nkurunziza, yarongoye Uburundi kuva mu 2005 gushika mu 2020.
Denise Nkurunziza kandi ni umupasitori azwi cane mu bikorwa vyo gusenga. Arongoye ishengero ry’urutare, “Eglise du Rocher”. N’aho umucance wiwe yari yagiye ku butegetsi ashizwe imbere n’umugambwe CNDD-FDD, uwo mupfasoni si umunywanyi w’uwo mugambwe. Igihe Perezida Nkurunziza yitaba Imana muri 2020, we yari agwariye mu bitaro i Nairobi muri Kenya.
Ibihe avuga ko bitamworoheye. Muri kino gihe akunze kuba i Buye muri Komine Mwumba, mu buraruko bw’igihugu aho umuhisi Perezida Nkurunziza avuka akaba anahafise irerero ry’impfuvyi. Aho twaganira mu ntango z’ukwezi kwa kabiri, twamusanze ku mugwa mukuru w’Ubutunzi, Bujumbura.
None inyuma yo gupfakara akava no ku kirimba, Pasitori Denise Nkurunziza abayeho gute? Akora iki? Umugabo wiwe Perezida Nkurunziza yaragirijwe amabi atandukanye, nk’umupfasoni w’umukuru w’igihugu yavyifatamwo gute? Ivyo ni bimwe mu vyo yaganiriye na Cyriaque Muhawenayo muri ici ciganiro.