Russia yakoresheje imiriyoni $300 mu mpisho mu kwivanga muri poritike yo hanze – US

Yatangajwe

Amerika ivuga ko Uburusiya bwakoresheje mu mpisho amadolari arenga imiriyoni 300 kuva mu 2014 mu ntumbero yo guhendahenda abanyaporitike mu bihugu birenga 24.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire buvuga ibi bwishimikije isuzuma ry’igendereza ryashizwe ahabona ejo ku wa kabiri.

Umwe mu bayobozi bakuru bo mu butegetsi bwa Perezida Joe Biden avuga ati: "Twibaza ko aka ari akantu kamwe mu bintu vyinshi”.

Uburusiya ntaco burashikiriza kuri ibi. Moscou yonyene ibandanya yagiriza Washington kwivanga mu buzima bw’ibindi bihugu.

Igendereza rya Amerika "ribona ko ibi ari ibiharuro bito kandi ko Uburusiya bushobora kuba bwararungitse amafaranga menshi mu kinyegero ku buryo bitamenyekanye”, nk’uko bivugwa n’uyu mutegetsi wo mu ntwaro ya Biden mu kiganiro kuri terefone.

Uyu mutegetsi ntiyashatse ko izina ryiwe rimenyekana.

Isuzuma ry’igendereza rya Amerika ryashizwe ahabona ntirivuga amazina y’ibihugu canke abategetsi bazwi ko baronderwa n’Uburusiya – ariko ko vyabaye ku migabane ine.

Uyu mutegetsi avuga ko igisata c’igendereza ca Amerika kiriko kiravugana n’ibihugu cacaguye kimwe kimwe ukwaco kuri ibi bivugwa vy’amafaranga yatanzwe n’Uburusiya mu mpisho. Uyu mutegetsi avuga ko ibi bizoguma mw’ibanga.

Isoko ryo mu butegetsi ryegereye abakora aya matohoza rivuga ko Uburusiya bwakoresheje hafi $500,000 mu gushigikira umugambwe Democratic Party uri ku ruhande rw’abagendera ku vya kera bari hagati na hagati (Center-right) mu matora ya 2017 mbere, bunashigikira imigambwe canke abahiganwa muri Bosnia, Montenegro na Madagascar, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP.

Iri soko rivuga kandi ko Kremlin yakoresheje Bruxelles/Brussels nk’ikirindiro c’ibigo n’ayandi mahwaniro ashigikiye abiyamamaza bo ku ruhande rw’abagendera ku vya kera.

Amakompanyi y’ibinyoma nayo nyene avugwa ko yakoreshejwe mu guha amafaranga imigambwe y’i Bulaya be no kugura abanyaporitike mu bindi bihugu.

Abategetsi b’Uburusiya gushika ubu ntaco baravuga kuri ibi bivugwa na Amerika.

Moscou yarigeze kwagiriza igisata ca Amerika kijejwe igendereza ryo hanze (CIA) ko ryivanga mu buzima bw’ibindi bihugu, harimwo no gushigikira itembagazwa ry’ubutegetsi mu bihugu bitari bike vyo kw’isi.

Dov Levin, umushakashatsi wo kw’ishure kaminuza Carnegie Mellon University ryo muri Amerika avuga ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zivanze mu matora yo mu bindi bihugu incuro zirenga 80 kw’isi, hagati ya 1946 na 2000, hatarimwo ivyo gutembagaza canke kugerageza guhindura ubutegetsi.

Ejo ku wa kabiri, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire Ned Price yavuze ko aya mafaranga yatanzwe n’Uburusiya mu kinyegero ari “uguhungabanya ubwigenge”.

Mu mwaka uheze, abategetsi bo mu gisata c’igendereza rya Amerika banditse mu cegeranyo ko Perezida Vladimir Putin yoba yaragerageje gutanga uruhusha rwo kwivanga mu matora ya 2020 muri Amerika ku nyungu z’uwahoze ari umukuru w’iki gihugu Donald Trump.

Ariko iki cegeranyo kivuga ko ata reta yo mu kindi gihugu yagize uruhara mu vyavuye mu matora.

Uburusiya buvuga ko ibi birego vyo kwivanga mu matora “bitagira ishingiro”.