Korea ya ruguru: uko barungikirwa umuceri mu macupa

Korea ya ruguru: uko barungikirwa umuceri mu macupa
Yatangajwe

Haheze imyaka 26 Park Jung-oh ahunze Korea ya ruguru, aja kuba muri Korea y’epfo.

Amaze kwumva uko ikigoyi kirembeje abantu, nko mu ntara ya Hwanghae, kuva mu 2015, yatanguye kuza arabarungikira umuceri n’utundi tubafasha, mu macupa.

Ubwa mbere yaba arinko arenga amasezerano hagati y’ivyo bihugu 2, ariko ubu ayo yarafuswe, kuva mu 2023.