Hitezwe iki mu nama ya COMESA ibera mu Burundi?

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Ibibazo bijanye n’umutekano w’akarere, ihindagurika ry’ikirere, hamwe no guteza imbere ibisata vy’uburimyi, ubutare n’ubukerarugendo, ni bimwe mu bibazo biza kwigwa kuri uno wa kane i Bujumbura mu Burundi mu nama y’abakuru b’ibihugu n’amareta bigize umuryango w’isoko rusangi rihuza ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko n’iyo mu bumanuko (COMESA).

Ni ikoraniro ryitabwe n’abakuru b’ibihugu batandatu hamwe n’umukuru w’Inama nkuru y’Ubumwe wa Afrika, bari kumwe n’abandi bategetsi baserukiye ibihugu vyabo bihurukiye muri uno muryango.

Mu bakuru b’ibihugu bitavye iri koraniro, harimwo umukuru w’igihugu wa Ethiopie Taye Selassi, uwa Zambia, uwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, uwa Madagascar, hamwe n’uwa Kenya. Umwami Mswati wa Eswatini na we nyene yari yitezwe ariko yahavuye aserukirwa n’umushikiranganji wa mbere Russell Dlamini.

Kuva ejo ku wa gatatu, kuva ku kibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye gushika hagati mu gisagara ca Bujumbura, amabendera y’ibihugu bigize COMESA ni yo yahungabana ku mabarabara.

Urwanda, igihugu kibanyi n’Uburundi, rwaserukiwe n’umushikiranganji ajejwe ubudandaji n’amahinguriro, Prudence Sebahizi, mu gihe Uganda nayo yaserukiwe n’icegera c’umukuru w’igihugu, Jessica Alupo.

Ishirahamwe COMESA ryavutse mu 1994, mu ntumbero nyamukuru yo kwubaka akarere kadasanzwe k’ubutunzi no guhanahana ibidandazwa.

Ni umuryango w'abanyagihugu imiriyoni 640 baba ku karere kangana na kirometero kwadarato imiriyoni 12, mu bihugu 21 birigize, ari vyo Uburundi, Comores, Repubulika ya Demokrasi ya Congo, Djibouti, Misiri, Eritrea, Eswatini, Ethiopia, Somalia, Tunisia, Urwanda, Uganda, Kenya, Libya, Magadascar, Malawi, Amazinga ya Maurice, Amazinga ya Seychelles, Sudani, Zambia na Zimbwabwe.

Ukuja hamwe kwuzuye kw’ibihugu bigize ishirahamwe COMESA kuracahanzwe n’inzitizi zitari nke, harimwo ikibazo c’uko bimwe mu bihugu biwugize bigisaba ingenzi ziva mu bihugu binywanyi impusha zo kwinjira zizwi nka visa.

Hejuru y’iki, hari n’ubutunzi bugicumbagira mu bihugu bitari bike, mu bindi naho ugasanga nta mabarabara meza ahari ashobora kworohereza abashora ibidandazwa.

Mu bihugu bigize iri shirahamwe, ibice 60 kw’ijana vy’abanyagihugu batunzwe n’uburimyi.

Uburundi, n’ubwo bwatanguranye n’uwu muryango, bisa nk’aho ata vyinshi buwungukiramwo, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’ubudandaji w’iki gihugu Chantal Nijimbere. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu ndwi iheze, yemeje ko Uburundi bushora bike ugereranije n’ivyo buja bugurirayo. Ku bwiwe, uwu ni umwanya wo kwivyukiranya.

Ku ncuro ya mbere, Uburundi ni bwo bugiye kuramutswa umuryango wa COMESA.