Intambara ya Israel na Hezbollah: Inzu ya Netanyahu yatewe na drone, avuga ko atarota acika intege

Igipolisi ca Israel caciye kizibira ikibanza kivugwamwo iki gitero ca drone mu gisagara ca Caesarea kiri mu buraruko

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Igipolisi ca Israel caciye kizibira ikibanza kivugwamwo iki gitero ca drone mu gisagara ca Caesarea kiri mu buraruko
    • Umwanditsi, Tom Bennett
    • Igikorwa, BBC News
    • Umwanditsi, Jaroslav Lukiv
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu avuga ko atarota atezura mu rugamba rwiwe inyuma y’amakuru avuga ko inzu yiwe yatewe n’indege itarimwo umudereva (drone), aho agabisha ko “umuntu uwo ari we wese agerageza kubabaza abanyagihugu ba Israel azovyishura ku rugero rukomeye”.

Yanditse ku rubuga rwa X (rwahoze rwitwa Twitter) ati: "Ni ikosa rinini cane kuri Hezbollah, igikoresho ca Irani, kugerageza kunyica n’umugore wanje uno musi”.

Yanditse kandi ati: "Ibi ntibishobora kumbuza canke kubuza igihugu ca Israel kubandanya ino ntambara dufitiye uburenganzira yo kurwanya abansi bacu kugira twiyubakire kazoza”.

Ibiro vyiwe bitangaza ko drone “yarekuwe yerekeza” ku muhana wiwe mu gisagara ca Caesarea kiri mu buraruko bwa Israel ejo ku wa gatandatu.

Netanyahu n’umugore wiwe ntibari muhira ico gihe, kandi nta muntu n’umwe yakomeretse.

Irani ivuga ko Hezbollah ari yo yakoze ico gitero kivugwa, nk’uko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta ya Irani, IRNA.

Ubuserukizi bwa Irani muri ONU busubirwamwo buvuga buti: "Iki gikorwa kivugwa cakozwe na Hezbollah muri Libani”.

Hezbollah – umuhari washinzwe kandi uhabwa uburyo na Irani – ntaco uravuga kuri ano makuru.

Iki gitero kije mu gihe Israel ikiriko irategura kwihora ku gitero gikomeye c’ibisasu vya misire biraswa kure giherutse gukorwa na Irani ku wa 1 Gitugutu (10) – umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi akavuga ko igitero cayo co kwihora kizoba ari ntahusha, giturumbuka kandi ko kizokwiha inkumbi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Igisirikare ca Israel kivuga ko amadrone atatu yarekuwe avuye muri Libani, imwe muri zo ikaba yagemye inzu yo muri Caesarea.

Ntikivuga ko iyo nyubakwa ari imwe mu zigize umuhana w’umushikiranganji wa mbere, kandi nticerekana ivyahononekariye.

Ikinyamakuru Axios co muri Amerika candika ko iyo drone yarashe umuhana w’umushikiranganji wa mbere, kandi ko ari igitero cakozwe na Hezbollah.

Isaha zibiri n’iminota 19 z’ejo ku wa gatandatu mu gitondo (08:19), IDF yasohoye itangazo rivuga riti: "Mu mwanya uheze, indege zitatu zitarimwo abadereva zinjiye mu gihugu zivuye muri Libani.

"Zibiri muri izi ndege zarashwe. Iyindi imwe yateye inyubakwa i Caesarea, nta n’umwe yakomeretse".

Umushikiranganji wa mbere wa Israel asanzwe afise imihana ibiri yiwe, i Caesarea n’i Yeruzalemu, akaba kandi akunze kuba ahitwa Beit Aghion, inyubakwa ya reta iri i Jerusalem, ubu iriko irasubirwamwo.

Mu kiboneka ko ari nk’ukwihora iki gitero cakozwe ku birometero vyababa 70 hagati muri Israel uvuye ku rubibe, igisirikare ca Israel catangaje ku mugoroba w’ejo ku wa gatandatu ko carekuye ibisasu vyababa 180 muri Libani.

Nubwo Hezbollah ubwayo itaratangaza ku mugaragaro ko ari yo yakoze iki gitero, kibaye inyuma y’aho ku wa kane isohoreye itangazo ivuga ko yinjiye “ku ntambwe nshasha kandi ikomeye” muri ino ntambara.

Ikibazo kihari ni ukumenya nimba iyi ari intango y’iyi “ntambwe nshasha”.

Ivyabaye vyose, igihe ino nkuru imenyekaniye ko hari drone yarashe inzu ya Netanyahu, abatari bake ku mugwa mukuru wa Libani, Beirut, baciye bitega ko igisagara cabo gishobora gucucagirwa ibibombe mu kwihora.

Mu gihe benshi mu ba nya Libani bitwengera abandi nabo bishimira ku mbuga hwaniro ukungene ino drone yashoboye kugenda ikava muri Libani, ntishobore kubonwa n’ubuhinga bwa Israel bwo gukinga ibitero vyo mu kirere, eka mbere igashobora no gusiga kajugujugu ya Israel, bamwe baciye bihutira kwerekana ko “twokwitegurira urutavanako rw’ibibombe kuri Dahiya”