Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Chelsea iriko irarondera Donnarumma wa PSG

Donnarumma

Ahavuye isanamu, Getty Images

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Chelsea baripfuza kugura umunyegoli wa Paris St-Germain, umutaliyano Donnarumma w'imyaka 27. (L'Equipe)

Newcastle basubiye kurondera umukinyi w'imbere wa Eintracht Frankfurt, umufaransa Hugo Ekitike w'imyaka 23, bakaba bizeye kumutahukana n'aho aronderwa kandi na Liverpool. (Telegraph)

West Ham barashaka umukinyi wo hagati yahora akinira Aston Villa, Douglals Luiz, ubu ari muri Juventus, mu gihe uwo munye Brezil w'imyaka 27 bitariko biramugendera neza mw'ihiganwa rya Serie A. (Gazzetta dello Sport)

Douglas Luiz

Ahavuye isanamu, Getty Images

Barcelone barabandanya kurondera kugiriranira amasezerano n'umukinyi wo ku ruhande wa Liverpol , umunya Colombia Luis Diaz w'imyaka 28, hamwe n'umukinyi w'imbere wa Manchester United, Umwongerza Marcus Rashford w'imyaka 27, ariko ntibihutira gusinyisha umukinyi uwo ari we wese. (Marca )

Sporting bariteguye gufatira ibiano umunya Swede Viktor Gyokeres w'imyaka 27, inyuma yo kutitaba imyimenyerezo yo kwitegurira ihiganwa ryimirije mu kurindira ko yimukira muri Arsenal. (Guardian)

Juventus bahaye Manchester United imiriyoni 8.65 z'amapawundi n'utundi turusho kugira batware umukinyi wo ku ruhande w'Umwongereza Jadon Sancho w'imyaka 25. (Sky Sports)

Jadon Sancho

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umukinyi nserukiragihugu wa Argentine akinira Aston Villa, Martinez aracaronderwa ba Manchester United ariko iyo migwi ibiri ntihuza ku mahera uwo mukinyi w'imyaka 32 yogurwa. (Telegraph)

Arsenal yateye intambwe mu biganiro vy'amasezerano mashasha n'umukinyi wo hagati w'Umwongereza Ethan Nwaneri w'imyaka 18. (Fabrizio Romano)

Newcastle United bizoba ngombwa ko iriha amapawundi imiriyoni 100 kugira izane umukinyi w'Umwongereza Ollie Watkins w'imyaka 29 yahora akinira umugwi wa Aston Villa. (Football Insider)

Ollie Watkins

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umukinyi w'imbere wa Athletico Madrid Conor Gallagher ariteguye gusubira mw'ihiganwa ryo mu Bwongereza. (Team Talk)

Umugwi wo muri Arabia Saudite Al-Hilal hamwe n'imigwi yo mu Butaliyano biri mu matohoza ku mukinyi Benjamin Sesko wa RB Leipzig inyuma y'aho Arsenal yumvikaniye n'uwo mukinyi w'imyaka 22 wo muri Slovenie. (Teamtalk)

West Ham yabwiye umugwi wa Roma ko bashaka kugurisha umunyegoli w'umunya Maroc Nayef Aguerd w'imyaka 29, kandi ko badashobora kumuaga kw'ideni. (Gianluca di Marzio)