Ibintu birakomeye kuri Putin – uwahoze ari umuserukizi wa Amerika muri Ukraine

Yatangajwe

Ingingo ya Yevgeny Prigozhin yo kurwanya uburongozi bw’igisirikare c’Uburusiya ni “nk’ukugerageza gutembagaza ubutegetsi”, nk’uko uwahoze aserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Ukraine Bill Taylor abibwira BBC.

Ati: “Ibintu birakomeye kuri Putin. Abarusiya bafata nka nkama ibi bintu, kandi birumvikana ko bategerezwa kuvyitondera”.

Ariko Taylor, mu kwezi guheze akaba yari muri Ukraine, avuga ko uyu mukuru wa Wagner afise amahirwe make yo gushika ku ntego yiwe.

Ati: “Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bufise ibikoresho bikwiye, bufise indege z’intambara, bufise ama-chars, bafise ibikoresho vya gisirikare vyinshi bishobora gushira hasi ingabo za”.

Ariko uku gucanamwo kurangwa hagati mu Burusiya gushobora gufasha Ukraine mu rugamba rwaro rwo kwivuna igitero c’Ubursiya, nk’uko bivugwa na Taylor said.

Ati: "Nimba ubu Abarusiya bafitiye impungenge abategetsi babo ba gisirikare, ubwo rero Abarusiya bitwa ko bariko bararwanya abanya-Ukraine bashobora gusamara mbere bagata bakiruka”.

Vyitezwe ko mu kanya kari imbere Perezida Putin ashikiriza ijambo ku biriko biraba.

Videwo ivugwa ko yerekana Prigozhin hagati mu biro vy’igisirikare c’igihugu

Hasohotse amashusho ya videwo avugwa ko yerekana Yevgeny Prigozhin ari hagati mu biro vy’igisirikare c’Uburusiya mu bumanuko, mu gisagara ca Rostov-on-Don.

Muri videwo imwe, Prigozhin avuga ko ingabo ziwe zizozibira iki gisagara hanyuma zitere zija ku mugwa mukuru Moscou kiretse umushikiranganji wo kwivuna abansi Sergei Shoigu hamwe na Jenerali Valery Gerasimov bagiye kubonana nabo.

Ati: "Twashitse hano, dukeneye kubonana n’umukuru w’ibiro vy’igisirikare hamwe na Shoigu. Ari nka hamwe batoza, tuzobasanga hariya, tuzozibira Rostov duce tubandanya gushika i Moscou".

Mu yandi mashusho yacishijwe ku rubuga rwegamiye Wagner, Prigozhin aboneka yicaye hagati y’abajenerali babiri, umwe muri bo akaba ari Liyetena-Jenerali Vladimir Alekseyev w’igisirikare c’Uburusiya yari yasohoye videwo imbere y’aha asaba umukuru wa Wagner gusubiza inkota mu rwubati.

Amazi yarenze inkombe

Ibi birashobora kugenda mu buryo butandukanye.

Ku ruhande rumwe, mu gihe Ukraine yariko igerageza gutegura imitima kuko yabona ko igitero co kwikura umwansi kw’izosi kidashobora kwirukana ingabo z’Uburusiya muri uno mwaka, cake mbere n’umwaka uza, haciye haboneka akoyoko.

Mu gihe Kremlin na Wagner ubu barajwe ishinga n’indyane hagati yabo, ibi bituma ingabo zimwe zimwe zikomeye zivanwa ku rubuga rw’intambara muri Ukraine.

Ikindi gisumbirije, iyi ngorane irashobora gutuma ingabo ziri ku birindiro bikomakomeye vyo guhangana n’umwansi ari navyo Ukraine iriko igerageza kumeneramwo, zicika intege.

Mbere hari n’abashobora kwibaza ko ibintu bishobora kurangira Uburusiya buhevye intambara mbere bugatahukana ingabo zabwo ziri muri Ukraine. Ariko ibi ni ibintu bidashobora kuba uko nyene.

Hari bamwe mu bihugu vy’Uburengero bashobora kugira ubwoba ko igihugu c’Uburusiya gishobora gusambuka mu gihe kiri imbere, ibi bikabatera impungenge nyinshi ku gihugu nk’iki gifise ibirwanisho ruhonyanganda vy’ubumara birenga 4000.

Ikindi gishoboka ni uko izi ngorane zitewe na Prigozhin kuri Kremlin zishobora kuba ari iz’akanya gato, ingabo ziwe bikaba ngombwa ko zimanika amaboko.

Ariko uko vyogenda kwose, amazi yarenze inkombe.

Uyu mukuru w’abacangero bagize uruhara rudasanzwe ku rugamba aho bateye intambwe nini mu ntambara yo mu karere ka Bakhmut mu mezi aheze, abwira abanyagihugu b’Uburusiya ko icitwazo c’igitero Uburusiya bwakoze kuri Ukraine cari ikinyoma, ko ivyavugwa ko Ukraine yari iteje akaga ku Burusiya ryari irementanya.

Ni mu gihe umwe mu ntwazangabo nkuru nkuru z’igisirikare c’Uburusiya Jenerali Sergei Surovikin, asaba abarwanyi ba Wagner "kugamburuka bakubaha itegeko" rya Perezida Putin hanyuma bagasubira ku birindiro vyabo.

Prigozhin avuga ko ingabo ziwe zigenzura Rostov-on-Don

Rostov-on-Don, ahabonetse ibimodoka vy’intambara mu mabarabara, iri ku birometero birenga 1100 mu bumanuko bwa Moscou.

Yevgeny Prigozhin, umukuru wa Wagner, avuga ko ingabo ziwe ubu zigenzura iki gisagara.

Abanyagihugu baba mu ntara ya Rostov ihana urubibe na Ukraine basabwa kuguma mu mazu kubera ibikorwa vy’abajejwe umutekano mu karere.

Raba mu mafoto: abarwanyi ba Wagner muri Rostov-on-Don

Itororokanirizo ry’amakuru Reuters rirerekana amwe mu mafoto y’abarwanyi ba Wagner mu gisagara ca Rostov-on-Don, igisagara umukuru wa Wagner Yevgeny Progozhin avuga ko kigenzurwa n’ingabo ziwe.