Woba umugambi wo kurungika abasaba ubuhungiro mu Rwanda amaherezo uzoba itegeko?

Abantu bariko barajabuka Manche ( English Channel)  mu bwato butoya itariki 6 Ntwarante

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Uwo mugambi wateguwe kugira uce intege abajabuka mu bwato buto buto baja kurondera ubuhungiro mu Bwongereza
    • Umwanditsi, Chris Mason
    • Igikorwa, Akurikirana amakuru ya poritike, BBC News
  • Yatangajwe

Amajambo ane wofata uyu munsi: Nta gishasha [ Déjà vu]. Igenda garuka [Ping pong].

Abakenguzamateka bongeye, irindi kandi, gusubiza impinyanyuro mu nteguro ya reta yo kurungika mu Rwanda bamwe mu basaba ubuhungiro.

Ni ukuvuga ko inzira y'igenda garuka yataziriwe 'ping pong' ibandanya - mu gihe integuro nshasha y'iryo tegeko iguma igenda yongera igaruka hagati y'inama nkenguzamateka na nshingmateka.

Ikironderwa, hamwe n'amazerano y'imperekeza n'Urwanda, n'uko hozibirwa ububasha bwo kurwanya uwo mugambi imbere y'amategeko inyuma y'aho Sentare Ntahinyuzwa ivugiye ko uteye kubiri n'amategeko.

Ariko n'ubu abakenguzamateka basubiye gushigikira impinyanyuro zitari nke.

Bisigura ko iyo nteguro kuri uyu muhingamo ija gusubira mu nama nshingamateka.

Turashobora kwitega ko abashingamateka bongera kwiyamiriza izo mpinyanyuro. Ku mugoroba iyo nteguro ica yongera isubire imbere y'abakenguzamateka.

Ikibazo ni ukumenya igica kiba mu nama nkenguzamateka.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ico gukurikiranira hafi ni ukuraba niba reta hari ico ija gutanga mu nzira yo kugira ico ihevye mu kugerageza kuraba ko iyo nteguro yoheza gutosorwa uyu munsi.

Ishobora kuvuga iki ku bitegekanywa vyo kurungika abakoranye n'igisirikare c'Ubwongereza mu mahanga, nk'abahindura indimi muri Afghanistan?

Abo mu mugambwe Labour ivyo baguma babigarukana.

Ariko gushika ubu abashikiranganji bagumye bica amatwi, ku bijanye na nyinshi muri izo mpinyanyuro nk'uko impera n'imperuka zigamije kuburizamwo uwo mugambi wose.

Ku bakoranye n'igisirikare, amasoko avuga ko hari inzira zateguwe kuri bo kugira baze mu Bwongereza, batiriwe barakenera kubanza kwurira ubwato buto buto.

None abashingamateka boba bahava baronka abashigikira bihagije nibura no ku mpinyanyuro imwe kugira ironke ubwiganze mu nama nkenguzamateka, bisigura ko hoca habandanya igenda garuka?

Bamwe bibaza ko iciyumviro c'uko Urwanda rutofatwa nk'igihugu gitekanya gushika urwego rwigenga rubikurikirana ruvyihweje gishobora kubishikako.

Hamwe vyogenda uko, ibijanye no kwiga no kwemeza iyo nteguro vyoca bibandanya gushika ku ndwi iza.

Turindire turabe.

Bamwe mu banyaporitike ku mpande zompi bibaza ko bishoboka cane ko abo mu mugambwe uri ku butegetsi (Conservative) bahava baduza ibitigiri vyabo, gutyo akariro k'abakenguzakateka ko kugoza ibintu ku bashikiranganji kayoyoke - hanyuma bibe birangiye.

Bigeze aho, integuro y'itegeko ica ifata inzira yo kuja ku Mwami ku kizwi nka Royal Assent (guhezagirwa n'umwami) gutyo ice iba itegeko.

Zana rero ikibazo nyamukuru: ni gushika ryari imbere y'uko bamwe mu barondera ubuhungiro burizwa indege ibajana mu Rwanda?