Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa: Guimaraes, Firmino, Pochettino, Ancelotti, Maddison
Barcelona iripfuza kugura umunya-Brezili akina hagati Bruno Guimaraes, ariko ivuga ko bizoyisaba imiriyoni zababa 100 z’ama-euro kugira yumvishe Newcastle United ko yorekura uyu mukinyi wayo w’imyaka 25. (Times)
Real Madrid iriko irihweza ingene yoronka umusatirizi wa Brezili Roberto Firmino w’imyaka 31 azoba yigenga igihe amasezerano afitaniye na Liverpool azoba arangiye mu ci. (Fabrizio Romano)
Mauricio Pochettino w’imyaka 51 yahoze amenyereza Tottenham na Paris St-Germain yateye igikumu ku masezerano nk’umumenyereza mushasha wa Chelsea. (Guardian)
Brezili iracafise icizere c’uko ishobora kwumvisha umumeyereza wa Real Madrid Carlo Ancelotti ko yoyibera umumenyereza wayo. Iki gihugu kimaze gutsindira ihiganwa ry’igikombe c’isi yose incuro zitanu nta mumenyereza gifise kuva Tite asezeye inyuma y’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose giherutse kubera muri Qatar muri Kigarama (12). (Athletic)
Umukinyi wo hagati w’Ubwongereza James Maddison w’imyaka 26 yiteze gufata iya mbere mu gusezera inyuma y’aho umurwi wiwe Leicester ukorokeye mu cicaro ca kabiri. (Mirror)
Umurwi wa Leeds waraye ukorokeye mu cicaro ca kabiri ntuzoba inzitizi mu gihe hoba umurwi wozana akanoti gafadika urondera umwongereza akina ku ruhande Jack Harrison w’imyaka 26. (Leeds Live)
Liverpool ishobora kugura umukinyi wo hagati wa Lazio Sergej Milinkovic-Savic w’imyaka 28 ku miriyoni 26 z’ama-euro, mu gihe amasezerano n’uyu munya-Serbia yiteze kurangira mu 2024. (Calciomercato iciye kuri Goal)
Amahirwe ya Manchester United yo kuronka umukinyi w’inyuma wa Korea y’Epfo Kim Min-jae w’imyaka 26, n’umusatirizi wa Nigeria Victor Osimhen w’imyaka 24 basanzwe bakina muri Napoli/Naples yiyongereye mu gihe ibintu bidatomoye kuri kaziza k’umumenyereza w’uyu murwi wo mu Butaliyano Luciano Spalletti. (Givemesport)
Newcastle United nayo yinjiye mu rugamba rwo kurondera umukinyi Kim wa Napoli. (Fijaches – mu ki-espagnol)
Sheffield United iracakurikiranira hagufi umukinyi wo hagati wa Nottingham Forest Lewis O'Brien w’imyaka 24, asanzwe yatijijwe muri DC United (yo muri Amerika). (Sun)
Umusatirizi wa Chili Alexis Sanchez w’imyaka 34, ubu akaba yigenga, aripfuza gusubira mw’ihiganwa ry’Ubwongereza Premier League – akaba yarakiniye Arsenal na Manchester United – inyuma y’igihe yari amaze akinira Marseille. (Sun)