Imvo n’imvano ku gitabo ca Josée Kana Bizimana avugamwo ubuzima bwiwe nk‘impunzi

Josée Kana Bizimana (i buryo) muri studio ya BBC, ariko aravuga ibiri mu gitabo ciwe yise The Survival Champion  avugamwo ubuzma bwiwe nk'impunzi
Insiguro y'isanamu, Josée Kana Bizimana (i buryo) muri studio ya BBC, ariko aravuga ibiri mu gitabo ciwe yise The Survivor Champion avugamwo ubuzma bwiwe nk'impunzi
Yatangajwe

Mu kiganiro  c’uno musi, Robert Patrick Misigaro ari kumwe n’umutumire w’umwanditsi, umugiraneza  yikorera utwiwe, Josée Kana Bizimana, umurundikazi aba mu Bwongereza.

Aheruka gusohora igitabo, The Survivor Champion (umuhizi mu kwirwanako mu buzima),  avugamwo ubuzima yaciyemwo budasanzwe. Kivuga ubuzima bwiwe nk’impunzi kuva mu Rwanda, agaca muri Congo, Tanzania, akabandanya gushika muri Zambia hanyuma muri Afrika y’Epfo, gushika agere i Bulaya.

Ja ng'aho hasi wumvirize

Insiguro y'amajwi, Imvo n’imvano ku gitabo ca Josée Kana Bizimana avugamwo ubuzima bwiwe nk‘impunzi