Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Kane, Mbappe, Silva, Maguire, McTominay, Lavia, Fabinho

Yatangajwe

Bayern Munich irafise icizere ko izoronka umusatirizi w’Ubwongereza Harry Kane w’imyaka 29 asanzwe akinira Tottenham Hotspur, mbere nta n’impungenge ifise kwumva ko Paris St-Germain nayo imukanuriye amaso. (Sky Sports)

Umuyobozi nshingwabikorwa wa Bayern Jan-Christian Dreesen hamwe n’umukuru w’igisata kijejwe ubuhinga Marco Neppe bemeye kuguma mu gihugu bihoza kujana n’abakinyi mu rugendo rwabo mu Buyapani mu kwitegurira amahiganwa y’umwaka w’inkino uza, kugira ngo basigare barategura amasezerano y’imiriyoni 100 z’amapawundi ku mukinyi Kane. (Mirror)

PSG itegekanya kwakira imirwi ya Bulaya yorondera kugura Kylian Mbappe igashirako n’umukinyi, inyuma y’aho Al-Hilal yo muri Arabia Sawudite imenyeshereje ko ishaka kumugura ku giciro kitari bwigere kibaho c’imiriyoni 259 z’amapawundi, ni ukuvuga imiriyoni zirenga 330 z’amadorari, imirwi ya Chelsea, Manchester United, Tottenham, Inter Milan na Barcelona ikaba yipfuza uno musatirizi w’Ubufaransa w’imyaka 24. (Press Association, iciye kuri Independent)

Umunyegori wa Urawa Red Diamonds n’umurwi nserukira gihugu w’Ubuyapani Zion Suzuki w’imyaka 20, yanse kuja muri Manchester United yariko iramurondera. (Sponichi, mu kiyapani)

Manchester City yabwiye umukinyi wayo wo hagati, umunya-Portugal Bernardo Silva w’imyaka 28 ko ata mugambi ifise wo kumugurisha muri rino ci n’aho wewe yipfuza gusezera muri uyu murwi. (90 Min)

West Ham yagiranye ibiganiro vy’intangamarara na Manchester United ku bijanye n’umukinyi w’inyuma w’Ubwongereza Harry Maguire w’imyaka 30, hamwe n’umukinyi wo hagati wa Ecosse/Scotland, Scott McTominay w’imyaka 26. (Sky Sports)

Ariko West Ham yahebujwe na Manchester United ko idashobora gutanga McTominay itaronse imiriyoni 40 z’amapawundi. (Mirror)

Aba ba Hammers kandi bashaka umukinyi wo hagati wa Chelsea Conor Gallagher w’imyaka 23 ariko uno murwi nawo wanes; hagati aho barizeye ko bazokubita hasi Tottenham mu rugamba rwo kurondera uyu mukinyi mpuzamakungu w’Ubwongereza. (Standard)

Southampton yanse amafaranga ashika ku miriyoni 35 z’amapawundi atangwa na Liverpool yemera kwongerako n’umukinyi kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi wo hagati Umubirigi Romeo Lavia w’imyaka 19, ariko uno murwi wo mu bumanuko umushakako imiriyoni 50 z’amapawundi. (Guardian)

Umugambi w’umukinyi wo hagati wa Liverpool umunya-Brezili Fabinho wo kwimukira mu murwi Al-Ittihad wo muri Arabia Sawudite uri mu kibazo inyuma y’aho uno mukinyi w’imyaka 29 kuja hamwe n’abandi ba Reds mu kwitegurira ihiganwa ry’uumwaka w’inkino uza. (Athletic)

Umukinyi wo hagati w’Ubudagi Joshua Kimmich aboneka ko yiteguriye kuguma muri Bayern Munich inyuma y’aho uno mukinyi w’imyaka 28 avugiye ko azi “neza” ko azokinira uno murwi wa Bundesliga mu mwaka w’inkino uza. (Sky Germany, iciye kuri Get German Football News)

Arsenal iri hafi yo kuronka umukinyi wo hagati wa Gremio umunya-Brezili Bitello w’imyaka 23 yahora aronderwa n’umurwi wo muri Serie A. (Tuttomercatoweb – mu gitaliyano)

Umusatirizi wa Mali El Bilal Toure w’imyaka 21, yafashe ingingo yo kwimukira muri Atalanta avuye muri Almeria hakuja muri Everton. (L'Equipe – mu gifaransa)