Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Messi, Mbappe, Felix, Martinez, Ronaldo

Yatangajwe

Umusatirizi wa Argentina Lionel Messi yemeye kwongereza umwaka umwe mu masezerano afitaniye na Paris St-Germain akazotuma uyu mukinyi w’imyaka 35 aguma muri uno murwi uherutse gutsindira ihiganwa ry’Ubufaransa gushika mu 2024. (Le Parisien – mu gifaransa)

PSG ntizorekura umusatirizi wayo, umufaransa Kylian Mbappe w’imyaka 24, mu kwa mbere, kugira ngo izomugurishe mu ci riza ku giciro nyaco. (Ben Jacobs, Twitter)

Umumenyereza wa Atletico Madrid Diego Simeone yongereje akariro ku makuru avuga ko umusatirizi wa Portugal Joao Felix w’imyaka 23 ashobora kugurishwa, mu kuvuga ko ata “n’umwe ari kibirengeye” muri uyo murwi. (Goal)

Arsenal yarashatse umukinyi w’inyuma wa Argentina Lisandro Martinez w’imyaka 24 mu ci riheze, ariko akaba yashimye gusubirana n’uwahoze ari umumenyereza wa Ajax  Erik ten Hag muri Manchester United. (VI iciye muri Manchester Evening News)

Chelsea iri hafi yo gushika ku masezerano n’umukinyi wo hagati wa Vasco da Gama umunyabrezili Andrey Santos w’imyaka 18. (Fabrizio Romano)

Manchester United iripfuza kugura umunyegori wa Aston Villa  Emiliano Martinez w’imyaka 30 yagize uruhara rudasanzwe mu gufasha Argentina gutsindira igikombe c’isi yose. (Football Insider

Iciyumviro ca Al-Nassr co guha amasezerano y'agaciro k’imiriyoni 160 z’amapawundi (yababa imiriyoni 194 y'amadorari y'abanyamerika) umusatirizi wa Portugal Cristiano Ronaldo w’imyaka 37, kirashigikiwe na reta ya Arabia Saoudite. (Ben Jacobs iciye kuri Express)

Umurwi Eintracht Frankfurt wo mu Budagi  uvuga ko wari wahawe na Manchester United amahirwe yo kugura Ronaldo imbere y’uko ava i Old Trafford (ikibuga ca Man U. (DAZN iciye kuri Mail)

Umumenyereza wa Barcelona Xavi yumvishije kizigenza wiwe, umunya-Espagne akina hagati Sergio Busquets w’imyaka 34 kuguma muri uno murwi gushika mu ci riza, hakwimukira mw’ihiganwa Major League Soccer ryo muri Amerika mu kwa mbere. (Sport – mu ki espagnol)

Uwahoze ari umusatirizi wa Leeds United Raphinha w’imyaka 26 yakiniye Brezili inkino zitanu mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose, aravugwa ko ashobora gusubira muri Premier League mu gihe yananiwe no kwiha ikibanza nyaco muri uno mwaka wa mbere w’inkino muri Barcelona. (Sport)

Umumenyereza wa Arsenal  Mikel Arteta avuga ko ashobora "gukoresha umwanya w’igura n’igurishwa ry’abakinyi wimirije" mu gihe arondera ingene yozibira igihengeri catewe n’ivunika ry’umusatirizi wa Brezili Gabriel Jesus w’imyaka 25 yavunitse mw’ivi. (Mirror