'Nk’ubu ari babiri jewe mbona y’uko bazontwara nk’ibihumbi 600' - Umuvyeyi ashaka kurungika abana kw'ishure

Yatangajwe

Mu Burundi, mu gihe buca hatangura umwaka mushasha w’amashure, mu buzima buzimba uko bukeye uko bwije, abavyeyi batandukanye barahanzwe no kuronka uburyo bwo kurungika abana kw’ishure.

Abatorohewe gusumba abandi ni abafise abagiye kwiga mu mashure y’indaro, kubera ho hakenerwa ibintu bitari bike.

Bamwe mu bahanzwe n’ubuzima buzimvye ni abarimyi.

Muri komine Gihanga, intara ya Bubanza (mu burengero bw’Uburundi) abarimyi b’ipampa bari barishoye kuva ku musi wa gatatu, ariko ngo ntibaronse uwubagurira.

Espérance Nimbona, ipampa ryiwe rimaze imisi ibiri mu kibanza rigurishirizwamwo.

Agira ati : « Nta ryo bagura. N’ubu niho rikiri. Nari nzi ko bazorigura umwana aje kw’ishure. N’ubu riracari ngaha ».

Uwo mugore arababazwa n’ukuntu igura ry’ipampa ritanguye riteba. Rije mu kwicenda.

Ku bwiwe ngo ryari rikwiye kuba mu kwezi kw’umunani kugira bashobore kuronka umwanya wo kugurisha no kurungika abana kw’ishure.

Jean marie Ntahomvukiye afise abana babiri bagiye kwiga mu mashure y’indaro, i Gitega. Ubwanwa bwafutse umunwa.

Na we nyene ahangayikishijwe n’ingene igikorwa co kugura ipampa gikwega amakuru.

Agira ati : «Uca usanga biriko biducisha mu ngorane ugaca usanga hageze y’uko uwo mwana agenda wariye amadeni menshi wizeye ngo uzokura muri tumwe wasarura ».

Yongerako ati : « Nk’ubu ari babiri jewe ndiko mbona y’uko bazontwara hafi nk’ibihumbi 600 ».

No hagati mu gisagara ca Bujumbura ntibatwenga.

Abagura amakaye n’ibindi bikoresho bavuga ko batorohewe.

«Ibiciro biri hejuru cane. Ntivyoroshe. Nk’ubu jewe ngurira abana batanu, amahera ni menshi cane », umwe mu bavyeyi yariko aragura ibikoresho vy’ishure.

Abadandaza na bo nyene baremeza ko hari vyinshi vyahindutse, ugereranije no mu mwaka uheze.

Arsene, umusore w’imyaka 32, avuga ko kare mu ndwi ya nyuma amashure agira atangure bahora baca amafaranga menshi cane. Ariko ubu ngo vyabuze.

Agira ati :« Haza umukiriya umwe umwe. Bagura akantu kamwe kamwe. Tubayeho nabi nabi »

Uburundi burahanzwe n’ikena ry’amafaranga y’agaciro. Bituma ubutunzi buguma buhungabana, ibiciro na vyo bikaguma biduga.