'Sinshobora kubabarira abaporisi bafotoye abakobwa banje bapfuye'

Mina Smallman
    • Umwanditsi, Emma Barnett
    • Igikorwa, BBC Radio 4
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Iyi nkuru irimwo bimwe bimwe hari abo bishobora kubabaza

Umuvyeyi w'abakobwa babiri bishwe avuga ko yababariye uwabishe, ariko ko atazobabarira abaporisi babiri bafashe amafoto y'ibiziga vyabo.

Mina Smallman yavugiye mu kiganiro ca BBC Radio 4 ko ''ata rwanko'' yumva afitiye umugabo yishe abakobwa biwe, Nicole Smallman na Bibaa Henry, muri Ruheshi (6) mu 2020.

Ariko yavuze ko abaporisi barungitse amafoto y'ibiziga vyabo mu mugwi wa Whatsapp ''bahohoteye'' abo bakobwa - ko kubera iyo mpamvu atazobagirira ikigongwe.

''Birumvikana ko ivyo bakoze atari bibi kunganya kwica,'' niko Smallman yavuze.

''Ariko aho uriko urambwira ko wongereje ikibi cakorewe abakobwa banje?

''Kubera ico - bo sinzobagirira ikigongwe.''

Bibaa Henry na  Nicole Smallman

Ahavuye isanamu, Metropolitan Police via PA

Insiguro y'isanamu, Bibaa Henry na Nicole Smallman bishwe mu 2020
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Smallman, w'imyaka 27, na Henry, w'imyaka 46, bishwe bazibuwe imbugita na Danyal Hussein muri Ruheshi mu 2020.

Abaporisi Jamie Lewis na Deniz Jaffer baciye barungikwa gucungera ahakorewe icaha i Wembley, aho abo bakobwa bavukana batowe. Barafashe amafoto y'ibiziga vyabo, bavuga ko ari ''inyoni zapfuye'' mu mugwi wa Whatsapp, icaha umwe umwe yahaniwe gupfungwa amezi 33.

Smallman yavuze ko igihe abo baporisi babiri barekurwa yagerageje kwiyahura, ivyo akaba abivuga mu gitabo ciwe A Better Tomorrow: Life Lessons in Hope and Strength (Ejo heza gusumba: Ivyigwa vyo mu buzima mu mwizero n'inguvu).

''Niyumviriye nti: 'Sinshaka kuba ndi ngaha,'

''Vyandengeye. Ego -naragerageje kwiyahura.''

Smallman, ubu asigaye aharanira umutekano w'abagore, avuga ko igiporisi gikwiye kwitaho gusumba ibintu vyo gutuma abahungu bakiri bato bakomantara mu kwanka abagore bikorerwa ku mbuga hwaniro.

''Vyakomeye cane mu gihe co kutava mu ngo[mu gihe ca Covid]...[abahungu bakiri bato] barabona ibiyago vyavuga ko niba utaronse umukobwa mukundana ari kubera abagore basigaye biganza kandi ko abagabo batakaje ikibanza cabo mu gihugu.''

''Uko gukomantazwa biriko biraba ko bahungu bacu, bituma abahora bafise urwanko barushiriza kwanka, bikaba ivyitwazo vyo gukorera ikibi abagore mu buzima bwabo.''

Ariko naho abo baporisi bavyifashemwo gutyo ku bakobwa biwe, avuga ko aguma yizeye igiporisi.

''Benshi mu baporisi ni abantu beza.''

Ariko avuga ko igiporisi gikeneye impinduka, ari naco gituma ariko ''arakorana'' n'abategetsi kugira ''turonke igiporisi dukwiye kuba dufise''.

'Nasubiye kugandara'

Ku vyashitse ubu vuba hakicwa Carol, Hannah na Louise Hunt, umugore n'abakobwa babiri ba John Hunt wo kuri BBC, Smallman yavuze ko ''yongeye kugandarira abakobwa biwe''.

''Binsubije mu kunsi nabwirwa ngo [abakobwa banje] bapfuye.

''None ubu ndabagandariye, abacu n'abo uwo muryango.

''Ubuzima bwabo ntibuzokwigera busubira kuba uko bwahora.''

Smallman arazi nyina wa Sarah Everard, yasambanijwe ku nguvu hanyuma akicwa n'umuporisi wa Met Police.

''Iyo mvuganye n'abo bavyeyi, barakomeretse cane, cane. Kandi baranshimira kuko barazi ko mvuga ibituraba twese.''