Igisasu c’aba-Houthi cakubise ubwato bwa Amerika mu Kigobe ca Aden

    • Umwanditsi, Na Lipika Pelham
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Inyeshamba z’aba-Houthi zateye ubwato bw’imizigo bwa Amerika zikoresheje igisasu ca misire hafi y’inkengera ya Yemen, nk’uko bivugwa na Amerika.

“Nta wakomeretse canke vyinshi vyononekaye” muri ubu bwato, Gibraltar Eagle, nk’uko bivugwa n’abarongoye igisirikare ca Amerika mu Buseruko bwa Hagati (Centcom).

Ubu bwato bukorera mu mazinga ya Marshall burabandanya urugendo rwabwo mu Kigobe ca Aden.

Uno muhari w’aba-Houthi ufashwe mu mugongo na Irani imaze umisi itari mike utera amato kuva muri Munyonyo (11), mu kwiyamiriza intambara ya Israel kuri Hamas.

Ikompanyi Eagle Bulk Shipping itwara ibintu ivuga ko ubu bwato bwari bwikoreye ivyuma kandi ko bwari ku birometero 160 uvuye ku nkengera y’ikigobe ca Aden igihe bwaterwa.

Ivuga ko ubu bwato "bwononekaye ku gice gipakiye imizigo ariko bumeze neza kandi buriko burarengana ako karere”.

Haciye amasaha makeya, Centcom yavuze ko ikindi gisasu ca misire cari gitewe ku bwato bw’intambara bwa Amerika mu Kiyaga Gitukura catangiriwe mu kirere kigasamburwa n’indege y’intambara ya Amerika.

Uno muhari w’aba-Houthi umaze imisi utera amato atwara ibidandazwa aciye mu Kiyaga Gitukura uvuga ko afitaniye isano na Israel, canke atera aja ku bivuko vya Israel. Uvuga ko ibi bitero ari ivyo kwerekana ko ushigikiye abanya-Palestina na Hamas muri Gaza, mu gihe Israel ibandanya ibitero vya gisirikare muri ako karere.

Ikompanyi yo mu Bwongereza yiga ibijanye n'umutekano w'ingendo zo mu mazi wo mu mazi, Ambrey, ivuga ko ubwato Gibraltar Eagle budafitaniye isano na Israel.

Ariko umutegetsi wo hejuru mu muhari Houthi yavuze ejo ku wa mbere ko amato ya Amerika nayo nyene ari ayo kurasa. Nasr al-Din Amer "Ikintu conyene gikwiye kugira amato araswe ni uko aba yitwa ko ari aya Amerika”.

Ibitero vy’aba-Houthi ku mato atwara ibidandazwa mu Kiyaga Gitukura vyatumye amakompanyi makuru makuru kw’isi atwara ibidandazwa ahindura amayira, ivyatumye ubudandaji mpuzamakungu buhungabana.

Inyuma y’iki gitero c’ejo ku wa mbere, ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe kwunguruza abantu n’ibintu bwasohoye itangazo ryo kugabisha, busaba ko “amato yose ya Amerika n’ayafise ibendera rya Amerika” yokwirinda guca mu turere tumwe tumwe tw’Ikiyaga Gitukura no mu Kigobe ca Aden.

Ejo nyene ku wa mbere, ikompanyi igira kabiri kw’isi idandaza igitoro, QatarEnergy, yatangaje ko ibaye irahagaritse ingendo zo mu mazi iciye muri iyo nzira mu gihe iriko irarondera impanuro ku bijanye n’umutekano.

Mu ndwi iheze, ingabo za Amerika n’iz’Ubwongereza, zarateye ibibanza vy’aba-Houthi muri Yemen mu kwishura ku bitero vyabo ku mato.

Izi ngabo rusangi zakoze ibitero bitari bike vyo mu kirere no mu mazi ku bigo vy’aba Houthi birasirwako ibisasu vya misire hamwe n’ivy’ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere hagati muri Yemen.

Ejo ku wa mbere, umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak yavuze ko ibigo 13 vy’aba-Houthi birasirwako ibisasu vya misire vyasambuwe. N’ubwo atavuze ibigiye gukorwa muri kazoza, Sunak yavuze ko iyo hatagira igikozwe vyari gutuma umutekano w’akarere wononekara.

Igendereza rya Amerika rivuga ko ibitero rusangi vya Amerika n’Ubwongereza ku bigo vya gisirikare vy’aba-Houthi vyasambuye hafi ica kane c’ububiko bw’ibirwanisho vyabo.

Ariko umukuru w’igisata c’aba-Houthi kijejwe ibiganiro, Mohammed Abdulsalam, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru Reuters ko ibitero ku mato ya Israel canke atera aja bivuko vya Israel bizobandanya, n’ubwo hari ibi bitero vyo mu kirere birongowe na Amerika.

Amerika yagiriza Irani ko ari yo yahaye ubushobozi uno muhari w’aba-Houthi bwo gushobora gukora ibitero vya misire, ivyo Irani ihakana.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ejo ku wa mbere, umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire, Hossein Amir-Abdollahian, yavuze ko Uburengero butegerezwa guhagarika vuba bwango intambara kuri Yemen.